LE JOURNAL.AFRICA
Non classé

« Ubwo ni urukundo canke ni ugushuha gusa ? » : inyishu

Urukundo ruragoye gusigura. Rurimwo ibinyegezwa vyinshi ku buryo, umwe wese usanga akunda canke agakundwa ukwiwe. Nta muntu yovuga ngo bakunda uku canke kuriya. Igikuru ni ukumenya ko umuntu yakunze canke ahimbarwa n’ukubona umuntu ka naka, na vyo birashika. Eka mbere hari n’abo usanga bama baryamana mugabo ata kariro k’urukundo bafitaniye. None womenya gute ko wakunze canke wakunzwe koko ?

Urukundo ruratera ibigumbagumba mu mubiri, ukumva akariro ; nk’uko bigenda ku bijanye n’ugusharwa. Uko umuntu yiyumva mu vy’urukundo bivana n’imyaka aba agezeko, bikavana n’uwo mukundanye, kandi bikavana n’ico uwo muntu nyene ari. Aha rero, ni ukumenya itandukaniro riri hagati yo gukunda umuntu ukamwiyumvamwo no kumushuhira gusa. 

Umuntu wumvira akariro k’urukundo, ni harya kuva mu ntango y’ukugendana kwanyu ubona vyose iwe ari vyiza gusa, na kare ba sokuru barayamaze ngo : « amaso akunda, ntabona neza ».  

Iyo ugeze kuri iyo ntambwe, biravuna umutima, mu gihe uwo ushuhiye nawe atakwiyumvamwo. Birashobora kuba ari ibishobisho mu ntango, mugabo bukebuke, uko imisi igenda, bigatera bishinga imizi mu mutima ; ukumva anyu...   

Continuer la lecture de cet article sur YAGA BURUNDI

Verified by MonsterInsights