Site icon LE JOURNAL.AFRICA

« Nafashwe ku nguvu kabiri mu mwaka umwe, birananira kubivuga »

Wumvise iyi nkuru, wogira ngo ni za reresi z’Abahindi. Benita (izina ryahinduwe) yafashwe ku nguvu incuro zibiri zose, mu mwaka umwe. Ku bw’ugutinya igitsure c’umuryango n’uruvugo rw’ikibano, ntiyigeze abishira ahabona. Benita aratwiganira.

Hari mu mpera z’umwaka uheze, w’2018. Nari mvuye aho nakorera, kw’isoko kwa Siyoni, bwari bwije. Mbona abandi bantu bahagaze kw’ibarabara barindiriye ngo basabe abafise imiduga bobunguruza, nanje nca nshikiramwo. Turindirira hamwe. Sinahatevye, kuko nagiye mbona imodoka yo mu bwoko bwa kagongo ihagaze iruhande yacu, ica  iratwunguruza abashobora kuyikwigwamwo twese. 

Dushitse imbere, abashika bose bagenda barururuka, nisanga nsigayeyo jenyene na bene imodoka. Bugingo dushitse ahitwa kuri Gare du Nord, mbona bakase baja mu Kamenge. Ndababwira nti : « Nyururutsa, jewe ntaha mu Gihosha. » Umudereva nawe arampumuriza ati : « Gumayo turagushikana, burya natwe ni yo tugiye ». 

Ese kuribwa n’umubanyi !

Ubona ko umusavyi arangwa n’ukwicisha bugufi, naremeye turagenda, ngira nti ni ico bahitana hama tubandanye. Tuguma dukata amakorosi, ndateba ndatakara, sinaba nkimenya n’iyo tugeze. Ni ho twashika iruhande y’urupangu turahagarara. Ba bagabo mbona bansimbiyeko, baranyasamika bantsindagira igishambara mu kanwa, baca bantwara banteruye, amaboko aboheye i mugongo. Banyinjiza ahantu mu nzu, basiga bamboshe, maze barigira. 

Ata n’akanya kahaciye, mbona uwundi mugabo yinjiye ari umwe. Umutima ngo kwa! Nari namaze kwiyumvamwo ko ubwanje buheze, naho nyene ntari bwamenye ico nzira. Uri uwundi aranyegera, ankura ca gishambara mu kanwa. Ndamwihweje neza mbona ni umuhungu nzi, yahoze ari umubanyi w’aho mbaye, kuko aho hafi yacu nyene. 

Ng’uwo atangura kundyagagura; ati: « Aho wagiriye amanyama sha, uno musi birarangira. Urazi ingene nagukunze nawe ntiwigere umvugisha na rimwe! Uburyo bwose nakoresheje kugira unshikire uraburiha. »  Icantangaje ni uko, ico gihe yakorera hafi y’iwacu, ata jambo na rimwe yari bwigere ambwira rivuga ko yoba yarankunze. Haheze umwanya duharira, yugara imiryango yose, hanyuma arambohora. Dutangura kunigana, dukumbagarana hasi, arateba arandusha inguvu, ibara riba riraguye.

Ubugira kabiri

Nk’inyuma y’ukwezi kumwe, ndiko ndataha, ngo ngere imbere y’umuryango winjira mu kigo ca Kaminuza y’Uburundi co ku Mutanga, duhura n’uwundi muhungu yahora apanze hafi yo muhira. Arandamutsa, atangura kumbwira ko yari ankumbuye cane. Noneho ansaba ko noja kumutemberera ngo ntahe mbonye aho aba. Ndemera ndagenda. Sinamenya ko nishoye ku risongoye. 

Anshikanye aho aba, ivyakurikiye vyasa n’ivyo naheruka kubona muri rya joro banyunguruza. Nararize atawe ndi buyahe. Nta muntu wo muhira n’umwe nigeze mbwira ayo nabonye, kuko natinya ko babimenya bakanyagiriza ko ari jewe niyanjanjweko. N’abagenzi navyongoreye, bakambwira ngo bamfashe tubashengeze ; ndabiyamiriza, kuko nabona ko noba nandagaye, nkaba iciro ry’umugani. 

Ubu mbayeho mu bwoba. Ni ko, sinasamye inda, ariko sinzi ko ata ndwara banyanduje. Ico bikoze, ngendana muri jewe agatima k’ugutinya icitwa zina muhungu wese. Mu vyiyumviro vyanje, nguma mbona ivyambayeko. Uyu umwaka, umbereye mubi. 

 

Quitter la version mobile