Site icon LE JOURNAL.AFRICA

« Ubutabazi bwihuse » : twobutanze tworetse, hari agahaze

Haraciye 15 imisi isi ihimbaje umusi mpuzamakungu wahariwe ubutabazi bwihuse. Ni umwanya mwiza w’uko, mu Burundi, twozirikana ingene abantu benshi bakenye inyigisho mu bijanye n’ubutabazi. Yamara n’ababizi, kubera ingorane bagira iyo bafashije umuntu, bahitamwo kurorera mu bandi. Igishingantahe.

Nsanzwe nkora akazi ko kwunguruza abantu aha mu gisagara ca Bujumbura. Ejo bundi, nari ntahutse ndangije akazi. Ndenganye aho bita ku rya Kanyoni, nk’isaha zitatu z’ijoro, mpumuka ku muntu aryamye hasi, ahejeje kugongwa n’imodoka ica iritumukira. 

Abari bamushengereye bavuga ko yapfuye. Ariko ndamwegereye nsanga aracahema, yatakaje ubwenge gusa. Yariko aravirirana cane. Abari ngaho nta n’uwigeze yiyumvira guhagarika uko kuvirirana, canke ngo anamuryamikire ku rubavu. 

Nta n’iciyumviro c’uguhamagara igipolisi gitabara imbabare. Bayina, ivyo bari babizi ? N’izo nomero 113, abatari bake ntazo bari bazi ko zibaho. Abari bazizi nabo, ntibashaka kugira ico bakoze. 

Maze kumugirira ubutabazi bwihuse, naciye ndamwuriza imodoka yanje ndamusimbana ku bitaro. Ariko bamwe bari bamushengereye bari bamvuniye akagohe bati: « Urikwegeye ».

Ndi buyabone !

Ndamushikanye ku bitaro, ntibatevye kumwakira. Ndiruhutsa, nca nisubirira mu muduga ngira ngo biraheze.  Umuganga yari hafi yarandahiye ko ntava ngaho; avuga ati : « Mbe ngaha ni mw’ihoteri uza ugatereramwo umuntu uko ushatse ? ». 

Ndamusigurira ko uwo muntu nanje ntamuzi, ndamusanze mw’ibarabara uko nyene; nawe ati: « Si uko ». Ambwira ko batabonye uwuzomurihira ntashobora kuva ngaho. 

Nyakuntunga nawe, nta n’icamuranga yari afise. Bampfungira ngaho. Uwo mwanya wose nawumaze nibaza icantumye nita muri uwo munyororo.  Nkibwira nti nk’ubu iyo ndeka ngashengerera mu bandi, sinari kubona ayo. 

Kugira nsohoke, nemeye kumwishinga, ndiha ibitagenda, udufaranga nari naciye twose uwo musi ndadusiga aho, kubera umutima wo gutabara. Abagenzi navyiganiye bukeye, barababaye kubona vyaranshikiye, maze bambwira ko ubu atari vyiza gutabariza uwo mbonye wese.

Impinga iracari ndende

Uravye ingene abantu ata kindi bafasha uwagize isanganya atari kumushengerera gusa canke kumufotora, “ubutabazi bwihuse” burakwiye kwigishwa kuva mu mashure y’intango, ayisumbuye, kaminuza ndetse no mu kibano, kugira Abarundi benshi bigishwe ico bokorera uwahuye n’ivyago imbere y’uko ashikanwa kwa muganga. 

Ikindi naco, kubera amasanganya menshi aterwa n’ivyunguruza abantu, abatwara ayo mamodoka boba mu ba mbere bigishwa ivyo vyigwa, ndetse amamodoka yose n’imihana yose agatunga ibikoresho vya nkenerwa (“trousses de sécurité”) vyokwifashishwa mu gihe c’isanganya.

Ibitaro navyo, bifashijwe n’Ubushikiranganji bwo gushigikirana, vyotunganya uko umurwayi atowe mw’ibarabara yovuzwa, uwamugarukiyeko atahaguye nk’uwo womenga yikoreye urusyo. Gutyo, tuzoba turiko turateza imbere ubutabazi bwihuse mu gihugu cacu, ata kwikeka gupfungwa uzira uwo utazi. Bitagenze uko, n’agatima ko gufashanya Abarundi bari basanganywe kazozimangana.

 

Quitter la version mobile