Site icon LE JOURNAL.AFRICA

“Ndahakanye ko mama yakwa ijambo kubera imico”

Mu Burundi, iyo serugo yitavye Imana, umupfasoni asize ntaba afise uruhusha rwo guhaguruka ngo avuge ijambo kw’izina ry’umurango. Ategerezwa kurondera umuntu w’umugabo mu muryango, akaba ari we avugira urugo. Akarenganyo gasasiwe indava kugeza iyo; intahe ya Annick Ndihokubwayo* irabigaragaza.

Nta nkokokazi ibika isake ihari” ; mu yandi majambo, umugore nta burengenzira afise bwo gufata ijambo hari umugabo. Ayo ni yo majambo twakuze twumva. Kandi vyaratwinjiye, ku buryo ata n’uwokwibaza ko ari akarenganyo. Jewe ndakita akarenganyo ! Sinsiba kwumva bavuga ngo « Umugabo ni umutwe w’urugo, ngo umugore nawe akaba umutima ». Ivyo bashobora kuba babivuga ngo baduhoyahoye, baduhendahende, ariko ikigaragara ni uko ijambo nk’iryo ari iridushira inyuma.

Ni ukuri narakunda data, naramwubaha, imbere y’uko asezera isi ; Imana imuhe uburuhukiro bwiza. Ariko yadusigiye mawe, kaneza k’umuryango yatureze butore atatwidogera. Yaratureze turakura tugera mu bigero. Bugingo umuryango watashe impundu tukegeranya impamyabushobozi, tukagera no gushinga ingo zacu, cari igihe co kumusubiriza mu ndumane tukamuha ikibanza akwiriye, akaba umwamikazi, kanatsinda arabikwiye.

Ariko…

Ese ukuntu nipfuje ko mawe afata ijambo umusi wo gutanga inkwano no ku bugeni bwanje ; akaba ari we nyene avuga n’umunezero mwinshi ati : « Kw’izina ry’umuryango, ndanezerewe no kubakomorera ingabire iruta izindi, umukobwa wanje, ababere umukazana yongere ababere umugisha mu muryango iwanyu ». Biri bushike ? Habe namba. Hari isake yaje kubika mu kibanza ciwe ! Umugabo atanazi ukuntu twakuze dusangira ubugari, mawe yita ku rutare atubika umukanda ngo ntitubure amafaranga y’ishure. Yarubahutse aranega umutwe avuga ijambo nk’uko yoba ari we yanyibarutse. 

Murumva ako! Igihe conyene abakenyezi bafata ijambo, ni igihe bagize amahirwe bakazezwa amabanga y’igihugu nk’igihe babaye abashikiranganji, abashingamateka, abakuru b’amashirahamwe, abashingwamanza b’abandi bantu ; ariko kizire ko bivugira kuko iyo bashitse mu miryango bica bihinduka : baca basubira mu “kibanza cabagenewe”; ku ziko. 

Hariho ibintu imico yacu idutegeka bidukandamiza kandi ugasanga ishigikirwa n’abo bakenyezi nyene ikandamiza. Birababaje. Ariko hari ingere n’agaheta. Birabaga mu nda igihe ubonye uwundi umuntu aza kwamura mu kibanza cawe ivyamwa vy’umuruho mutasangiye.

*: yahinduwe izina

 

Quitter la version mobile