Kuwa 2 Myandagaro 2019, ni ho ikiringo co kwakira inoti z’amafaranga 500, 2000, 5 000 n’10 000 carangira; nk’uko Yohani Ciza, umuyobozi w’ibanki nkuru y’igihugu, yari yabimenyesheje. Ariko, icibonekeza mu tuguriro, ni uko izo noti zikiri mu bantu ku bwinshi; zigaheza zikabaryanisha.
Kuwa kane w’indwi iheze, nari ngiye kw’ibutike ngo ngire utwo nikenuje, maze umudandaza mbona abanje kwitegereza inoti yanje. Arayihweza, ayihindukiza, asubira. Haheze akanya mbona arayinsubije, ati: «Iyi noti yawe ni kayogoro, yarataye igihe».
Kayogoro! Ndagwa mu gahundwe, sinatahura ico uyo mudandaza abikuyeko, kuko ryari n’irya mbere asuzuma inoti ndamuhaye, kuva ndamushorera.
Kuzihindura ku neza ya bose
Prosper Niyoboke, umuhinga mu vy’ubutunzi akaba n’umwigisha kuri kaminuza yitiriwe ikiyaga Tanganyika, asigura ko umugambi w’ibanki nkuru wo ...