Tuvyiga mu mashure no mu biyago vy’abakurambere, ko aho hambere hahise, umusore yagera kwubaka urwiwe, maze se akamutunganiriza ivya nkenerwa vyose ; hama akamusohora. Ubu si uko bigenda ; aho kumufasha, umuryango womengo ushaka kumuremera. Mbega ivyo ntivyohinduka ? Akabaruwa ku bavyeyi.
Bavyeyi nkunda kandi nubaha, maze imyaka hafi itanu, abagenzi dusa n’abangana bama banyizera, bakanshira mu mirwi itunganya imanza z’ubugeni bwabo. Muri buri rubanza, hari ikintu nama mbona kikantangaza, kuko uko nabiziga atari ko ndabisanga.
Umve namwe ! Aho hambere hahise, kandi si na kera cane, umusore mwene naka yagera kurongora, noneho se akamwubakira inzu, akamusabira umugeni, agatako agashigikira uwo muryango mushasha mu kubaho kw’imisi yambere y’urugo. Si ivyo gusa, uwo musore bamusohoza itongo azorima, umwigeme nawe nyene gutyo, ngo bibabere urufatiro rwo kuzotungisha urugo rwabo.
Aho hari kera
Ego mama wanje, ivyari i Magera vyarageruye. Ubu hagera kuresha, umusore akimenya. Hagera kuva mu nzu kwa se, akimenya iyo atera aja. Haba ugutunganya imanza z’ugukwa n’ugutahana umugeni, vyose ni ku gatwe k’umusore. Aho simvuze ivy’ukubaho kw’inyuma y’izo manza ; kuko muri rusangi, ntaco abaheruka kurushinga baba bakibaza mu miryango bakomotsemwo.
Ahubwo mbere, ba marume na ba senge, si bo babona turarushinze ngo batangure kutumenyesha ivyo twobafasha. Ukaza wumva ngo « mbega nta kuntu wonsabira ishure ry’umwana hiyo ? » Abandi nabo ngo « erege nyokuru aragwaye ; nta kuntu womuzana aho iwawe, ubona ko ari we ugifise ikibanza womurazamwo, hama akaba aravuzwa ari ngaho ? » (Ukamenya ko ari wewe nyene uca unamuvuza).
Ndazi, hari abaza batanguye kumpaririza ngo abo bavyeyi nyene ni bo baba barakuvyaye, bakakugeza aho ugeze. Ariko none, iyo abaganga bahanura ngo « vyara abo mushoboye kurera », mwagira baba bariko bavuga iki ? Kuko nyene, uwemeye kuvyara yemera n’ukurera. Kanatsinda, nimba koko ivyari i Magera vyarageruye, kubera iki wa mugani ngo « urukwavu rurakura rukonka umwana » udata agaciro ?
None rero…
Muri za manza indiri maze igihe nitabira, ndamaze kubona ko intererano nyamukuru y’umuryango w’uwugiye kwubaka, igarukira cane cane mu kwitaba ibirori. Inkomoko y’ivyankenerwa kugira ivyo birori bitunganywe, vyose biharurwa ku gatwe k’uwo musore.
Mbere, hari n’abavyeyi novuga ko bimonogoza, bagatangura gutegeka umuhungu bati : « Utagize ibi na biriya, je ntuzombona muri izo manza zawe. » Nk’akarorero, muri ya misi yo gusohora inzandiko z’ubutumire, ukumva umuvyeyi agusavye nk’inzandiko zirenga ijana, ngo : « Ba naka na ba naka twarakoranye nkiri mu Kumoso, ntegerezwa kubatumira. Nari nibagiye n’abantumiye mu manza z’abana babo. »
Uwoshaka kubigeza, azorabe mu rubanza rw’ubugeni bw’umugenzi wiwe yoba azi neza ; uzosangamwo abatumire injojo, benshi muri bo ugasanga si ko ari n’abagenzi b’uwo muhungu canke umukobwa bagiye kwubakana. Baba ari abagenzi b’imiryango abarongoranye baturukamwo. Inzimano zabo, icicaro bakirirwamwo, ukubateramisha n’ibindi, vyose ni ku gatwe k’uwo musore.
Akabazo mpeza nkibaza rero ni aka : kubera iki abavyeyi, iyo ataco mushoboye gufasha abana muri izo manza, kuko nyene hari igihe uburyo bubagora, mutogabanya n’ukuturemereza n’amategeko y’ukugene dutegerezwa kubitunganya ? Ivyo bintu bikwiye guhinduka.