LE JOURNAL.AFRICA
SOCIETE

Kuki abavyeyi ata kinini bagifasha mu bugeni bw’abana babo ?

Tuvyiga mu mashure no mu biyago vy’abakurambere, ko aho hambere hahise, umusore yagera kwubaka urwiwe, maze se akamutunganiriza ivya nkenerwa vyose ; hama akamusohora. Ubu si uko bigenda ; aho kumufasha, umuryango womengo ushaka kumuremera. Mbega ivyo ntivyohinduka ? Akabaruwa ku bavyeyi.

Bavyeyi nkunda kandi nubaha, maze imyaka hafi itanu, abagenzi dusa n’abangana bama banyizera, bakanshira mu mirwi itunganya imanza z’ubugeni bwabo. Muri buri rubanza, hari ikintu nama mbona kikantangaza, kuko uko nabiziga atari ko ndabisanga.

Umve namwe ! Aho hambere hahise, kandi si na kera cane, umusore mwene naka yagera kurongora, noneho se akamwubakira inzu, akamusabira umugeni, agatako agashigikira uwo muryango mushasha mu kubaho kw’imisi yambere y’urugo. Si ivyo gusa, uwo musore bamusohoza itongo azorima, umwigeme nawe nyene gutyo, ngo bibabere urufatiro rwo kuzotungisha urugo rwabo.

Aho hari kera

Ego mama wanje, ivyari i Magera vyarageruye. Ubu hagera kuresha, umusore akimenya. Hagera kuva mu nzu kwa se, akimenya iyo atera aja. Haba ugutunganya imanza z’ugukwa n’ugutahana umugeni, vyose ni ku gatwe k’umusore. Aho simvuze ivy’ukubaho kw’inyuma y’izo manza ; kuko muri rusangi, ntaco abaheruka kurushinga baba bakibaza mu miryango bakomotsemwo. 

Continuer la lecture de cet article sur YAGA BURUNDI

Articles similaires

Nta mwuga w’abagore gusa canke uwagenewe abagabo gusa ubaho

YAGA BURUNDI

À la rencontre de Jessie et Monna Walda, youtubeuses dans l’âme

YAGA BURUNDI

Une carte d’identité numérique universelle contre l’exclusion sociale en Afrique ?

RFI AFRIQUE
Verified by MonsterInsights