Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Uburuhuko: abarezi batameze magabo, icaterera gishobora kuvoma

Ibihe vy’uburuhuko bw’ici ni ibihe bigoye cane ku rwaruka ruri mu mashure, yaba matomato, canke ayisumbuye. Uburuhuko bwaraye butanguye. Hamwe abavyeyi n’ababijejwe batomera magabo, urwaruka rumwe rumwe rushobora kuhazimirira. Muti gute?

Ku murango harangwa uruja n’uruza rw’imiyabaga, abahungu n’abakowa, mu gisagara. Bugorovye, irya n’ino mu makaritiye aho tubaye, usanga inkumi n’imisore bahagaze umuntu ku muntu, abandi nabo bitambukira bigur’intege nk’abaja iyo badashaka, bafatanye amaboko canke bunze udutoke. Abandi bakagira urwuri, bimwe bita “amarigara”.

Ivyo ni bimwe mu bimenyetso biranga ibihe vy’uburuhuko. Nimba biterwa n’inambu y’ukuryoherwa ata kagero rero, hari n’abaca badukana ingeso mbi nk’ubuhumbu, kunywa ibiyayuramutwe, ukwiyerereza n’ibindi. 

Abavyeyi bifise nabo, bati: “ Twaramenyereye, reka tubagurire imboneshakure, izo zizobatugumiriza i muhira ”; ntibamenye ko izo nyene zishobora kuba “barukwege”; kuko hari abatari bake mu rwaruka bazibonerako ivyo batigeze kubonesha amaso canke ngo bumve no ku matwi yabo. 

None ga yemwe, hamwe novuga nti ibiringo vy’uburuhuko birakwiye kwigwako neza n’abegwa n’ikibazo c’indero bose, noba mbeshe? 

Na ntaryo indero y’abana!

Dieudonné Nshimirimana umuvugizi w’ishirahamwe rijejwe gukingira agateka k’abana SOJPAE avuga ati: “Indero y’abana ni igikorwa co guhozako; ntiraba umuvyeyi w’amaraso gusa. Iraba abantu benshi harimwo Reta, abarezi b’abo bana, abanyamadini, abari mu mashirahamwe akorera mu bijanye n’agateka k’umwana n’abandi”. 

Kukaba nka kwo, abo bose barafise ico bafasha mu gutunganya uburuhuko, kandi indero y’abana igashirwa imbere. Haba hakenewe gusa ko umwe wese akora ico ajejwe, kandi impande zose zisenyera ku mugozi umwe, mu gushigikira uwo mushinge wa kazoza k’igihugu cacu. 

Bisubiye, igihe c’uburuhuko ntigisigura ko umwana aba agiye kurera amaboko. Ahubwo ni igihe co kwiga ibindi bikorwa na canecane ibitandukanye n’ivyo asanzwe abona mw’isomero.

Muti bokora iki?

Ndibuka nkiri muri mwe n’ayo mashure, uburuhuko bwapfa kugera, wamengo harageze ko umuvyeyi atanga akaruhuko ku bakozi. Ico gihe, nakubitirwa ibikorwa bikuru bikuru bibiri: buri musi, twe na batoya banje, twategerezwa kugabura udukorwa two muhira, maze umuvyeyi atashe, tugategerezwa gushika tumuha icegeranyo c’ivyo twakoze umusi wose. Nayo bamwe bamwe mu bagenzi banje, kari akanya ko gufasha imirimo abavyeyi; nko gukora mu mirima, kuragira ibitungwa n’ibindi.

Hari amashirahamwe amaze kugaragaza ko gushigikira abana ngo bagire uburuhuko bwiza bishoboka kandi bigira akamaro. Akarorero ni iryitwa Les Petits Solidaires rimaze kugaragaza ko abana bashobora gukurikiranwa bakagira ico bimariye mu buruhuko, mu kubigisha gukinjika mu buryo bwa kijambere, gucapa, gutamba, gukina ibikino n’ibindi.

Amashengero n’inzego nshingwantwaro barakwiye guhora batunganya vya bikorwa vyo mu ci, navyo vyofasha mu gukingira abana bari mu buruhuko. Ni uko rero, buri rwego rwose, uhereye ku muryango ukageza ku bajejwe amabanga mu gihugu, bogira ico bakorana ngo bikunde uburuhuko ntibube imburakimazi ku rwaruka. 

 

Quitter la version mobile