Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Hokorwa iki ngo incabwenge zame zija imbere mu buzima bw’igihugu ?

Mu bindi bihugu, incabwenge zama zatumiwe ku mboneshakure, ku maradiyo, tugasoma ivyo banditse, bakavugwa mu binyamakuru ; ariko, abo mu Burundi, ibikorwa vyabo ntivyibonekeza cane. Kubera iki ? Ng’izi inyishu za Pascal Niyonizigiye, incabwenge akaba n’umuhinga mu vy’Imigenderanire n’Amakungu.

Ijambo incabwenge ntirihurizwako na bose mu Burundi. Kubw’umuhinga mu vy’imibano Desiré Manirakiza, mu bisanzwe, «  incabwenge ni umugwi w’abantu, kenshi na kenshi b’inkehwa mu kibano, bafise ukwiyumvira kurengeye ukw’abandi, bikabatuma batandukana n’abandi bose kandi bikabafasha ko mu gihe c’amakuba canke c’ingorane, bitandukanya n’abandi, bagatanga ivyiyumviro bitomoye vy’akamaro kandi ataho bihengamiye ».

Ikibabaje, mu Burundi, ntitwigera tubabona bitandukanya n’abandi, ngo bakore ico bategerezwa gukora : kuba imboneza mu kibano mu vyiyumviro vyubaka batanga no mu ngingo bafata; nk’uko Desire Manirakiza abandanya abivuga. 

Ariko, si uko abo bantu badahari. Mu gihugu ca Mwambutsa, incabwenge ni indiri, basohotse mu makaminuza ahambaye atandukanye yo kw’isi.  Ni co gituma ataworeka kwibaza igituma ata gakoma, tutigera tubumva bashikiriza ivyiyumviro ku buzima bwa politike, ubutunzi… bw’igihugu cabibarutse. Hari n’abayiciye umurya mu kubatazira ngo ni incabwenge zo mu kirabo. Ubwo barababeshera ?

Ico gutahura

Urwo ni rwo rubanza bacira incabwenge z’Abarundi. Pasikari Niyonizigiye, umwe muri zo, ntabihakana, ariko agasigura ati : « Kugereranya incabwenge z’Abarundi n’izo mu bindi bihugu ni ukwihenda cane kuko politike, ubutunzi, imico n’imigenzo muri ivyo bihugu bitandukanye no mu Burundi ». Kubw’iwe, incabwenge yo mu bihugu vya Buraya na Amerika biroroha ko igira ico ishikirije ata mudumwadumwo, ivyo bikaba atari ko utegerezwa kubisanga mu bihugu bindi nk’Uburundi. 

Vyongeye, nk’uko abishimangira, ntawokwitega ko incabwenge yo muri ivyo bihugu itanga ivyiyumviro bisa n’ivy’incabwenge yo mu Burundi. Kuko ingorane zibaraje ishinga si zimwe. Mu gihe abo muri za Amerika n’Uburayi bashobora gutanga ivyiyumviro bihanitse vy’ukugene babona ubuzima bw’igihugu, kunegura ubutegetsi, n’ibindi, mu Burundi ntivyoshoboka, kubera uko butunganijwe muri politike, imibano… . Ahubwo, incabwenge ziracafise igikorwa co guteza imbere ubwisanzure bw’incabenge abo bandi bamaze gushikako. Ahanzwe n’uko incabwenge yogira ijambo. 

Mu kurangiza, uwo mihinga asigura ashimitse ko vyose bitirabura. N’ikimenyamenya, hari ibiganiro vyama bitunganywa n’izo ncabwenge mu makaminuza atandukanye, ivyigwa vy’ubutohozi, hamwe ivyigwa bitandukanye vyagizwe n’izo ncabwenge nyene bigasohokera mu bihugu bitandukanye. Ngo ariko, nk’uko uwo muhinga akanyuzamwo, ibikorwa vyabo vyiganjemwo ibitabateranya n’aho babaye. Akatwibutsa amajambo ya Karl Max yagize ati:” uko tubayeho ni vyo bigenga agatima nama kacu”.

 

Quitter la version mobile