Hambavu y’ivyavuzwe vyatumye Uburundi butaha zirayoye mu mahiganwa ya #CAN2019, hari n’ibindi vyinshi bibangamiye ico gisata.
Si ivy’imbeshere ; ubukene bwugarije imigwi y’umupira w’amaguru mu Burundi burafise uruhara runini mu ngorane zishikira ico gisata. Ni nayo ntandaro yo gutsindwa mu nkino mpuzamakungu.
Ariko rero, si ico gusa. Hari n’ibindi vyinshi bigaragara ko bidatorewe inyishu, n’ejo n’ejo bundi, urukino rw’umupira w’amaguru ataho ruriko ruraja, mu gihugu cacu.
Imigwi yubakiye ku gatwe k’abantu
Ikimaze kwibonekeza mu Burundi, hari imigwi y’umupira w’amaguru yubakiye ku bantu. Hamwe abo ishingiyeko bashikiwe n’akagorane, iyo migwi ica itakaza inkomezi bidatevye.
Nk’akarorero, imigwi Flambeau de l’Est na Royal FC yari imigwi ikomeye cane imbere y’umwaka w’2015. Flambeau de l’Est ni wo mugwi wa mbere wo hagati mu gihugu watwaye igikombe c’ihiganwa ry’igihugu mu mateka y’umupira w’amaguru mu Burundi.
Ariko, kubera yari imigwi ibayeho ku buryo buva mu mifuko y’abantu, igihe abo bene uburyo bashikiwe n’ingorane, iyo migwi na yo nyene yaciye ihungabana, uno munsi yose ikaba ibarizwa mu cicaro ca kabiri.
Amatuta ya kazoza
Ng’iki igikenewe cane mu mupira w’amaguru mu Burundi. Imigwi yose dufise mu gihugu cacu, ni mike ifise amashure y’abakiri bato, aho bigishiriza abakiri bato umupira w’amaguru ; ico twokwita amatuta.
Uretse imigwi Messager na Aigle Noir, nta wundi ufise ishure. Ni co gituma rero, ugusubiriza abakinyi bagiye gukina ahandi bigora cane. Igikwiye kugira urukino rw’umupira w’amaguru rukomere aha iwacu, ni uko umugwi wose wogira ishure ryawo; nk’uko biri mu bindi bihugu.
Amahiganwa
Mu makuru yagiye aravugwa, Uburundi bwoba bwatsinzwe kubera kutamenyera amahiganwa. Ukwo ni ukuri kuko uravye ihiganwa ryitiriwe ikinyobwa Primus, rigizwe ry’imigwi 16, akaba ari ryo ryonyene dufise mu gihugu iwacu, ntirikwiye na gato.
Hari hakwiye kujaho ayandi mahiganwa kugira abakinyi bashobore gukina inkino nyinshi zishoboka, gutyo bamenyere amahiganwa, ndetse bakarondera n’ikino za kivandimwe n’iyindi migwi yo mu bihugu duhana imbibe.
N’aho biri uko…
Itegeko nomero 1/26 ryo kuwa 30 munyonyo 2009, mu ngingo yaryo ya 87 hategekanijwe ko Reta, intara n’amakomine hagati mu gihugu, amahinguriro, amashirahamwe ya Reta n’ayabigenga, abantu ku giti cabo… batanga intererano mu gushigikira inkino.
Nayo ingingo ya 90 y’iryo tegeko nyene ivuga ko Reta iheza igaha uturusho abo bose bashigikira inkino mu kubagabaniriza amakori ku rugero rw’uburyo baba bashize mu nkino.
Hamwe iryo tegeko ryoshirwa mu ngiro nkuko rimeze, imigwi yo mu gihugu cacu yotera imbere cane, kuko abakinyi bofatwa neza, maze gukina umupira bigacika umwuga, nk’uko n’ahandi bimeze.
N’imigwi yo mu bindi bihugu ntiyosubira kwama idutwara abakinyi; tugiye mu mahiganwa naho, twoshobora gutahukana intsinzi nk’abandi. Vyaragaragaye ko abakinyi bacu bapfuye umukeno gusa.