Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Amazina mashasha y’ibibanza rusangi: ntitwibagire n’izindi ndanga

Guhimbaza umusi mukuru w’ukwikukira kw’Uburundi ku ncuro ya 57 bizanye bishasha. Muri ivyo, harimwo uguhindura amazina y’amabarabara n’ibibanza bimwe bimwe hamwe n’inyubakwa rusangi. Ndetse ko ico gikorwa  gikwiye kwisunga ingendo yo kunywanisha Abarundi, twibuke n’izindi ntore zagize ico zimarira igihugu.

Igenekerezo rya 1 mukakaro 2019 rije rica mu makanda y’igenekerezo nk’iri nyene mu mwaka w’1962, aho Abarundi bari baraye bikuyeko abahora babacura bufuni na buhoro. Ni ho amazina y’amabarabara n’ ibindi bibanza vyinshi vyahindurwa mu ntumbero yo kugaragaza ko Abarundi biganzuye koko. 

Ibarabara ryitirirwa Umwamikazi Astrida bararihinduye ryitirirwa Umuganwa Rudoviko Rwagasore (Chaussee Prince Louis Rwagasore). Ibitaro vyitirirwa umuganga Rhodain bihindura izina vyitirirwa uwo muganwa nyene (Clinique Prince Louis Rwagasore), naco ikibanza citirirwa uwategetse Rwanda-Urundi Eugene Jungers gihinduka icitiriwe ukwikukira, n’ibindi n’ibindi. 

Iki gikorwa gikozwe rero ni ciza cane kuko nk’ibarabara ryahora ryitirirwe uwa 28 munyonyo, tuzi ko uwo musi wibutsa Abarundi uguhirika intwaro cami na Kapiteni Micombero, kurigenderamwo ryitwa uko kwasa no “kugendera mu kabi kandi tukazi”. 

Ariko…

Mu mazina mashasha yavuzwe mw’ijambo rya Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu, hari ayanteye amakenga. Ayo, biragaragara neza ko, n’ubundi, azosubira gutera impari nk’uko n’ubu mbona bisa n’ivyamaze gutangura

Amaze kuba atumvikanwako na bose, ndafise impungenge ko kwa kunywanisha Abarundi, kwakugaragaza ko twikukiye koko ari nayo ntumbero y’ico gikorwa, tutazoba tubishikiriye. 

Ikindi congeyeko, amazina yose yagarutse mu mazina mashasha, yiganziwe n’ay’abasirikare canke abagize ico bamara mu buzima bwa politike muri kahise k’Uburundi; hanyuma ico abo bamaze, ugasanga hari Abarundi bamwe bagikenguruka, abandi ntibakinywe no mu mazi. Ako ni agahaze.

Poritike gusa ?

Iyo mba nari mu batora ayo mazina, hari ibindi vyinshi nari gufatirako. Hambavu y’abantu bagize ico bamarira igihugu muri kahise ka poritike, nari kuraba ibindi bisata vy’ubuzima bw’igihugu, maze ngakora urutonde rw’ibintu vyahuje Abarundi bidakwiye kwibagirwa. 

Nk’akarorero, mu muziki w’uburundi hari abantu bakoze birashimwa. Hambavu ya Nkenshimana n’imiduri yiwe na Canjo Hamisi indirimbo ziwe zitazokwigera zita akanovera, hari abandi benshi nka Jean Christophe Matata, Kirundo Gerard, Shungura, bateramishije Abarundi bigashimwa aho hambere.  

Ayandi mazina ntohirahira ngo nibagire ni: Umuganuro, Karyenda, na Rukinzo. Mu mayagwa, noshiraho amazina Samandari na Inarunyonga; ntibagiye n’abanditsi nka Padiri Michel Kayoya, Gihugu Damasi, Padiri Yohani Batista Ntahokaja, Martin Ndayahoze, n’abandi.  

Mbega nyene, Mutaga Senyamwiza, umwami yatanze ariko arwanira Igihugu, umupfumu Inamujandi yagerageje kurwanya abakoroni aho ageza, nabo ntibakwiye kwibagirwa.

Hari n’ibindi vyibagiwe

Ibitaro vyitiriwe umuganwa Karori, navyo nyene birakwiye kuronka izina ry’ikirundi, kuko vyitirirwa umubiligi yasubiriye umwami Leopold III igihe atanze imihoho. N’amabarabara yitwa amazina y’imisi mu gifaransa ndabona yosubira agatorerwa amazina afise ico avuze kuri bene Burundi.

Nk’uko Umukuru w’Igihugu yarivumereye, nizeye ko umugwi ugiye kuvyiga uzobikora witonze kugira ayo mazina azoze akora ku mpande zose z’ubuzima bw’igihugu. 

Tubikoze uko tworonka igihugu gitatse amazina y’intwari n’ibihuza Abarundi, eka mbere tukigumanira iteka, izina ryacu rigasamirana mu mashinga. Vyonafasha Abarundi guhora banywanye, biyumvamwo ivyo bibanza bose hamwe, kumbure n’ururimi rw’ikirundi rukanagarukirwa muri ubwo buryo.

 

Quitter la version mobile