LE JOURNAL.AFRICA
POLITIQUE

Amazina mashasha y’ibibanza rusangi: ntitwibagire n’izindi ndanga

Guhimbaza umusi mukuru w’ukwikukira kw’Uburundi ku ncuro ya 57 bizanye bishasha. Muri ivyo, harimwo uguhindura amazina y’amabarabara n’ibibanza bimwe bimwe hamwe n’inyubakwa rusangi. Ndetse ko ico gikorwa  gikwiye kwisunga ingendo yo kunywanisha Abarundi, twibuke n’izindi ntore zagize ico zimarira igihugu.

Igenekerezo rya 1 mukakaro 2019 rije rica mu makanda y’igenekerezo nk’iri nyene mu mwaka w’1962, aho Abarundi bari baraye bikuyeko abahora babacura bufuni na buhoro. Ni ho amazina y’amabarabara n’ ibindi bibanza vyinshi vyahindurwa mu ntumbero yo kugaragaza ko Abarundi biganzuye koko.  Ibarabara ryitirirwa Umwamikazi Astrida bararihinduye ryitirirwa Umuganwa Rudoviko Rwagasore (Chaussee Prince Louis Rwagasore). Ibitaro vyitirirwa umuganga Rhodain bihindura izina vyitirirwa uwo muganwa nyene (Clinique Prince Louis Rwagasore), naco ikibanza citirirwa uwategetse Rwanda-Urundi Eugene Jungers gihinduka icitiriwe ukwikukira, n’ibindi n’ibindi.  Iki gikorwa gikozwe rero ni ciza cane kuko nk’ibarabara ryahora ryitirirwe uwa Continuer la lecture de cet article sur YAGA BURUNDI

Articles similaires

Somalie: la Chambre basse désormais présidée par l’opposition

RFI AFRIQUE

Burundi: vers l’introduction du SMIG

LE JOURNAL.AFRICA

Accès aux archives sensibles: un accroissement des entraves qui suscite la polémique

RFI AFRIQUE
Verified by MonsterInsights