Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Hagati y’inzoga n’igitabo, Abarundi duhitemwo ico dusoma !

Kuwa 2 Ruheshi buri mwaka, isi irahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe uguhanahana amakuru mu kibano. Uwo musi waraye uhimbajwe ku ncuro ya 53 kw’isi. Uyu musi, uwovuga ko mu Burundi, abasoma icupa basumba abasoma ibitabu, burya yoba abeshe ? Kimwe cose kigaheza kikagira ingaruka.

Nk’uko tubisoma ku rubuga rudonda rukongera rugasigura imisi mpuzamakungu itandukanye, imbarutso y’ugushiraho uwo musi wahariwe ivy’uguhanahana amakuru mu kibano yaturutse muri Ekleziya katorika. Ni mu ntumbero yo « guteza imbere imenyeshamakuru rikozwe ku buhinga bwiza, rigamije gushira ahabona ukuri, ryorohereza abantu gutahurana » ; nk’uko tubisoma kuri urwo rubuga nyene.  

Uburyo abantu bashobora kuronkeramwo inkuru rero ni indiri. Ariko, jeho nahisemwo kubayagira kuri bumwe muri bwo : ugusoma. Uwo musi mpuzamakungu ukaba wanteye kwemeza ko hagati y’icupa n’igitabo, Abarundi basoma cane icupa. Nti none ingaruka ivyo biheza bikagira ni iyihe ?

Ibirabo biruta amasomero

Simvuga amashure ; oya. Mvuga arya mazu asanzwe abikwamwo ibitabu vy’ubwoko bwinshi, maze abantu bakaza barahicisha kugira baronswe ivyo bipfuza gukuramwo ubumenyi butandukanye.

Mu gihugu cose rero, mwe n’ayo mazu ari ku rushi. Ndetse n’ayahari arashaje ; hashaje cane ibitabu birimwo, n’aho inyubakwa zoba zikiri nshasha. Ibaze namwe, mu gihugu cose, isomero rikuru dufise ni iryitiriwe umuhisi Mouamar Kadhafi wo mu gihugu ca Libiya, ryubatswe mu kigo co ku Mutanga, muri kaminuza y’Uburundi. Iryo somero rikaba ryemeza ko rifise ibitabu biharurwa mu 250 000, ibibanza abasomyi bicaramwo biri hagati y’800 n’1000, hamwe n’niyabwonko 7 zifasha abashaka kuronderera ibitabu ku ngurukanabumenyi. Iryo somero ryugururiwe canecane abanyeshure n’abigisha. Ivyo vyose tukaba tubisoma ku rubuga rwa kaminuza y’Uburundi.

Ayasigaye ni matomato cane, ugasanga n’ibitabu birimwo birashaje cane, canke ubumenyi burimwo ntibugihuye n’aho isi igeze ; aho ntituvuze ayo ku mashure yisumbuye, aho usanga ahanini harimwo ibitabu vy’ivyigwa bihatangirwa gusa, navyo nyene bidakwira nka neza abanyeshure bose ; uwahaciye wese yarabibonye.

N’aho biri uko rero, nta mugundano w’abasomyi b’ibitabu wosanga muri ayo masomero. Hinge tuvuge icupa naryo rero. Kuva na kera na rindi, ikibano c’ikirundi camye giha agaciro karenze umwerera. Uburyo bawihereza, ibibanza, intumbero, umwanya n’ubwoko bw’izo bihereza, ukubiharura nticoba igikorwa coroshe uyu musi, kuko ni ikirenga ; nk’uko bigaragara mu rukurikirane rw’ibisomwa #ZaNzoga. Nama ntangazwa n’ukuntu, aho mbaye muri karatiye, mbona twa tuzu tw’idandarizo nka twose usanga badandazamwo n’inzoga ; ababizi bakagira bati ni « ku kadirisha ».

Uwanyoye ntanyurwa

Nimba noca umugani, nogira nti : uwanyoye ntanyurwa. Kukaba nka ko, umukunzi ruhebwa w’umwerera, ntiwomuronderera mw’isomero. Ahubwo, umuronderera mu kirabo, iyo rurangwa ni yo arwiranga. Iyo rero be n’abo bantu babaye benshi, igihugu kiraheza kikagwiramwo inkandagirabitabu, ingwizamurongo mw’iterambere ; kuko na none uwutagwiza ubumenyi ntiyogira gishasha aterera mw’iterambere.

Ku rundi ruhande, ni ko, Abarundi basanzwe ari  abantu bahana inkuru biciye mu kubwirabwirana. Ariko, nta wuyobewe ko mwe n’ubwo buryo ari bwo kenshi bucishwamwo ibihuha n’ibinyoma vyotera umudugararo mu kibano. Wa wundi ati « inkuru mbarirano irutwa n’iyo wiboneye », nanje nogira nti « inkuru mbarirano irutwa n’iyo wisomeye ». Nimba rero Abarundi twokwipfuza kugwiza ubumenyi kubw’iterambere rirama, niduhindure ingendo, dusome ibitabu n’ibinyamakuru imbere yo gusoma umusa.

Quitter la version mobile