Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Hari ingo zibayeho ku rugero rurengeye amikoro zifise

Ntivyigera vyoroha kubeshaho umuryango, na cane cane iyo agashahara k’umuntu kadahuye n’urugero rw’ubuzima yifuza kubamwo, akenshi ku gushaka kumera nk’abandi. Atari nka hamwe rero umuntu yoba ashaka kumara ubuzima bwiwe mu madeni, aba akwiye kuraba neza ivyo ashira imbere.

Mu gisagara ca Bujumbura, imiryango itari mike yibereyeho mu kangaratete. Hari ugufungura bigoranye, amahera y’ishure n’ugupanga inzu usanga birihwa kenshi umuntu yacerewe, ukuriha ibitaro vy’umwana canke uwo mwubakanye bikarinda gusaba intererano y’umuryango. Hari abafata amadeni kugira barungike abana babo kwiga mu makungu. Imiryango itari mike rero iriroha, igatanguza ibikorwa vyo kubaka amazu itazi ngo ni ryari ibikorwa bizorangira.

Muri urwo rugamba rwo kwibeshaho neza, amadeni arongerekana, co kimwe n’ivya nkenerwa. Ng’ico rero igicapo giteye isoni n’akagongwe umuntu asangana imiryango ifise « amikoro abayabaye ». Ariko, ni kuki none bishika mu rugo, aho umugabo n’umugabo bompi bafise akazi, ugasanga ntibashoboye kubumbwa n’ivyo bafise ukwezi kwose ? Vy’ukuri, imishahara ntiyama ari umurengera, muga rero, ku bantu babiri, hategerezwa kuba akarusho.

Ka kamenyero kica inkware

I Bujumbura, amashure meza meza arazwi. Ariko, si kubera umubanyi aba yandikishije umwana wiwe mw’ishure kanaka ko nanje ntegerezwa kugira gutyo ; kuko hariho amashure atazimvye cane, ariko atanga ubumenyi buhagije. Abavyeyi bamwe bamwe rero barishimira gushira abana babo mu mashure azimvye, ariko ntibiyumvire amahera yo kuyariha. Hagaheza hakagera igihe co kuriha, bakabura iyo bata umutwe. Hamwe hamwe, hari abariha umwigisha wo gufasha abana gukora twa dukorwa batahana, ah’uko abo bavyeyi babiri bokwitunganya bo nyene, kugira bakurikirane bongere bamarane n’abana babo iyo myanya idasanzwe.

Iyo ritabaye ishure, usanga ari uburaro. Imiryango imwe imwe usanga yahisemwo gufata inzu zirihwa ayarenge umushahara w’umwe muri abo babiri bubakanye, aho kuraba bakaja muri karitiye canke inzu ibayabaye. Nta coheza ngo gitangaze rero, kubona badaheza ngo bashobore kubaho mu gice c’agashahara gisigaye. Ntibinaheza ngo bigarukire ngaho rero, twongereko ko umugore n’umugabo bakunda gusohoka, bipfuza kuba abagezweho mu kwambara neza, bagaterera mu manza, n’ibindi, vyose bikava muri ka gashahara k’ukwezi kumwe.

Ni ukuraba neza ivyo guhabwa agaciro

Tutarinze kuja mu mahane mwe n’iki kiyago gishobora gutera, twemerane ko ugusohora uburyo bwinshi gishobora kuzingamika imiryango imwe imwe. Uko biri kose, haba abagore canke abagabo, dutandukaniye kuri vyinshi, harimwo n’ukugene tubona ikijanye n’ugusohora uburyo.

Akamenyero, ivyifuzo, abo mugendana n’urugero rw’ukubaho, ni zimwe mu mpamvu zishobora gutuma umugore n’umugabo batumvikana ku giciro corihwa ikanzu, ukuvyara umwana, urupfu rw’incuti, ubwoko bw’umuduga bogura, n’ibindi. Birakunze gushika ugasanga kanaka yifuza kuziganya, uwundi nawe yibereye mu vyo guhindura akabare, ahindure anywe Heineken, yigurire imodoka izimvye nka Jeep, ukuja gutembera yinezerezanya n’uwo bakundanye, n’ibindi.

Abanonosoye ivy’ubutunzi bahanura ukuziganya n’imiburiburi ibice cumi kw’ijana (10%) vy’amafaranga umuntu yinjiza, hatisunzwe ayo aronka uko angana. Kugira ivyo bishoboke, hakwiye uguheba, ukumvikana hagati y’abubakanye, kwirinda kubaho ubuzima bwubakiye ku madeni. Ku vy’ukuri, ukuziganya birababaza mu ntango, ariko kazoza ni ko kakwereka ko utataye umwanya.

 

Quitter la version mobile