Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Ubonye umukobwa ameze nk’umuhungu, bifise ico bivako

Kugira ubwanwa, umugara, canke ijwi nk’iry’ abagabo, ni bimwe mu bituma abantu bavuga ko umwigeme ateye nk’umuhungu. None vyoba biva kuki? Birahera ? Muganga Yozefu Nyandwi arabidusigurira.

Akarorero ka hafi ni ibiheruka gushikira Francine Niyonsaba, umunonotsi w’umurundikazi, aho aherutse kwemerera imboneshakure Chaine Olympique ko yoba afise inkaburamubiri nyinshi z’igitsina gabo, naho ari umukobwa. Uretse uwo munonotsikazi rero, ivyo bisanzwe bishikira n’abandi bigeme batari bake. Ni co catumye mpitamwo gusaba umuco umuhinga yabinonosoye.

« Kugira inkaburamubiri nyinshi z’igitsina gabo uri umugore canke umwigeme biva ku gahimba gasanzwe kari hejuru y’amafyigo (« surrénale » mu gifaransa), gasanzwe gahingura inkaburamubiri z’igitsina gabo. Iyo hagize nk’akavyimba gafata ako gahimba rero, bituma gakora inkabuzo nyinshi z’igitsina gabo » ; nk’uko navyiganiwe n’umuhinga mu ngwara zituruka ku nkaburamubiri, Muganga Yozefu Nyandwi.

Ni indwara

Uwo muhinga arabandanya ati : « Bishobora kandi kuba mu gihe umukobwa aba adafise umwambiro (« enzyme » mu gifaransa) utuma ako gahimba gakora inkaburamubiri zisanzwe ari iz’abahungu n’abakobwa. Muri ico gihe haca hakorwa ku bwinshi inkaburamubiri z’igitsina-gabo gusa ».

Muganga Yozefu arongera ati : « Akandi gahimba gasanzwe gakora inkaburamubiri z’igitsina gabo ni agasanzwe gakora imbuto z’abakenyezi. Iyo hagize utuvyimba twinshi dufata ako gahimba (« Syndrome des Ovaires Polykystiques »), biratera iyo ndwara y’umurengera w’inkabuzo z’igitsinagabo. »

Hari rero n’ibindi ngo bishobora gutera iyo ndwara, nko kuba umuntu afise umubiri utacakira neza inkaburamubiri ya insuline, canke ugufata imiti bita « anabolisants » ikora ku nkaburamubiri. Hari n’igihe iyo ndwara yizana uko nyene.

Ibimenyetso

Nk’uko uwo muganga abisigura : « Umukobwa afise inkaburamubiri z’igitsina gabo nyinshi usanga afise ubwanwa, umugara, ubwoya ku nda canke ku mugongo, ijwi  ryiwe rishobora kujwangarara nk’iry’abagabo, hari n’aho usanga afise amabere adakura ; umubiri wiwe uba uteye nk’uw’abagabo. »

Uwo muganga asanzwe akorera mu bitaro KIRA ati: « Abigeme bafise inkaburamubiri nyinshi z’igitsina gabo baragira ingorane zo kuja mu butinyanka. Kenshi hari aho usanga batajayo canke ugasanga bajayo haheze igihe kinini, kugeza no ku mezi atandatu. No gusama imbanyi ntibiborohera. »

Abo bigeme bagira umubiri nk’uw’abagabo, na canecane imitsi. Ivyo ngo biraheza bikabafasha nko mu kunyaruka iyo birutse, canke bakoroherwa iyo bakora ibikorwa vy’inguvu.

Ikibabaje, mu kibano hari aho usanga abigeme be n’abo batabonwa neza.

Iravurwa igakira

Kenshi iyo ndwara iravukanwa, ukabona umukobwa akuze ameze nk’umuhungu. Aho naho Muganga Nywandi avuga ati: « Mu gihe iyo ndwara imaze kumenyekana haba mu bipimo vy’amaraso canke mu bimenyetso, iravurwa igakira. Umwigeme ashobora gufata imiti ivura ibimenyetso canke bakabaga utuvyimba twayiteye ».

Mu gihe bije umuntu akuze, bikaza giturumbuka, uwo muganga ahanura ati: « Yokwihutira kwa muganga, bakamusuzuma; akenshi, usanga ari akavyimba. Ico abantu bomenya, ni indwara nk’izindi, idatuma umukobwa areka kuba umukobwa ngo ni uko ameze nk’abahungu ».

Umunonotsi Francine Niyonsaba, wewe ati :« Sinahisemwo kuvuka meze uko meze. Ni ko Imana yandemye. Niyumva meze neza mu mubiri wanje. Nguma ndi Francine. Sinzohinduka. Naho gutsinda amahiganwa bisaba gukora cane n’ukwitanga. Imyimenyerezo myinshi niyo ituma tubishikako. Nta kindi ! »

 

Quitter la version mobile