Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Amajambo 22 yakoreshwa ku mwami n’inkomoko yayo

Mu Burundi, co kimwe no mu bindi bihugu vyose vyaranzwe n’intwaro ya cami, bari bafise amajambo bakoresha iyo bavuga umwami, atandukanye n’ayasanzwe akoreshwa. Ayo majambo, n’iyo akoreshejwe ku bandi bantu, yerekana icubahiro kidasanzwe. Ng’aya amwe muri ayo majambo n’inkomoko yayo.

Nk’uko Patiri Adriyano Ntabona avyandika mu kinyamakuru “Culture et Societé” (1988), umwami yafatwa nk’umuntu ava ku Mana. Yari mwenewabo wa Kiranga; bose bakaba bafatwa nk’abarungitswe n’Imana.

Mu gushimangira ico cubahiro baha umwami n’uguhezagirwa kw’iwe, mu kwerekana ko ari umuntu ahambaye gusumba abandi bose, barakoresha amajambo amudondora atandukanye n’ayo bakoresha ku bandi bantu basanzwe.

Umubiri w’umwami

Ibihimba vy’umubiri w’umwami vyari bifise amazina vyisangije; amaso yiwe bayita Inyonga. Bafatiye ku nyenyeri nziza zikayangana, ziri kw’ijuru, zitwa “inyonga z’indavyi”; bakavuga ko ari zo maso Imana ikoresha mu kuraba Abarundi.

Amaboko yiwe bayita imirisho (nk’imirisho y’ingoma), mu kumwubaha nk’uko ingoma yari yubashwe. Intoke bazita inkenkanya, amaguru yiwe bakayita inyundo, kuko inyundo ari icuma gicura ibindi. Inda y’umwami bayita Igisabo, bafatiye ku gisabo giterera amata.

Hari ibihimba vyaba biteye isoni kuvugira hejuru mu kirundi, ivyo nta mazina babiha kuko umwami yasa n’utabifise ariko igisusu c’umwami bacita Intabonwa, kuko ngo uwakibona yaca apfa.

Ivyambarwa vy’umwami navyo vyitwa ingeyo. Musi akambara icitwa ipfundo, hejuru naho umutamana.

Aho abaye…

N’ibibanza umwami yabamwo vyategerezwa kubahwa kugira agumane icubahiro ciwe. Inzu y’umwami yitwa ingoro. Bafatira ku bwiza n’ubunini bwayo. Inzu yaba iri mu rugo bita ikirimba. Mu nzu haba hari iziko bita icoto, aho umwami yicara akota. Uburiri nabwo bakabwita ikirwa. Aha turamaze kwumva imvyino yitwa “Ngoma y’ikirwa ndamuzanye…”idondora umukobwa n’icubahiro bamuha gifatiye ku ngoma n’aho iyo ngoma yagenewe.

Umwami, iyo bamureruye, bamutwara ku nderuzo; iyo nayo yitwa iceri. Iryo jambo rirakoreshwa iyo umuntu ateruye umwana amwicaritse ku bitugu, bavuga ko “bamushize ku maceri”.

Mu muryango w’umwami naho nyene bari bafise amazina abatandukanya n’abandi. Umutambukanyi w’umwami yitwa umwamikazi, nyina w’umwami nawe akitwa umugabekazi, nabo abana b’umwami, abahungu bakitwa abaganwa, abakobwa nabo bakitwa abaganwakazi. Umuryango wa bose hamwe ukitwa inda y’ingoma.  

Ibikorwa vya misi yose

Umwami avyutse bavuga bati: aribambuye ku kirwa. Agiye mu kazu ka surwumwe bavuga ko agiye kwitabara. Iyo avuze bavuga ko ariko aravumera; tukaba tuzi ko havumera imvyeyi yavyaye. Ariko arafungura bavuga ngo ariko aranogera. Iyo aryamye naho bavuga ko yibikiriye canke yibogoye.

Vyarashika umwami akarira. Nk’iyo igihugu kigeramiwe canke ikindi gihe cose umubiri wiwe ubishatse. Aho bavuga ngo umwami ariko arikama. Ubundi turazi ko mu bisanzwe hakamwa inka kandi igakamwa amata.

Mwe n’ayo majambo rero urasanga abenshi badatahura insiguro zayo, ikitavuzwe co ni inkomoko. Ariko, icobaye ciza ni uko Abarundi nka bose boyamenya, kuko na none, ni bumwe mu butunzi bw’amayagwa n’akaranga vy’igihugu cacu. Uwayamaze yagize ati: “Uta akaranga ukaba utaye akabanga, ugatora akaranda.

 

Quitter la version mobile