Site icon LE JOURNAL.AFRICA

“Kwiyambiza”: bigezweho, yamara…

Mu bisagara bitandukanye, eka mbere no hagati mu gihugu, abigeme n’abakenyezi baraharaye guhindura ibara ry’urukoba. Uwahorana ubwirabure nka Nanda agasigara ari inzobe nk’umuhondo, mu kanya gato. Ariko rero, si kwa gusa.

Aza* ni umwigeme ari mu myaka mirongo itatu. Ni umubanyi wanje. Yahoze ari umwigeme mwiza cane w’utubiri twompi. Uravye udufoto twiwe two mu misi iheze, ntiwokwemera ko ari we asigaye yarababaguritse umubiri wose nk’uwahiriye mu nzu. Afise amabara isura yose n’umubiri ukabiranye.

N’ukwicuza kwinshi ati: “Iyo menya sinari kuvyisiga. Uno musi sinifuza no kwiraba mu cirore, kuko ubwanje ndiyanka. Iyo nsohotse nkaja ahabona, uwo duhuye wese nibaza ko ariko araba jewe, n’aho vyoba atari vyo. Nta mahoro ngira ni yo mpamvu nama nitwikiriye ngo mpishe uko nsa. »

Mu misi iheze vyavugwa canecane ku bakenyezi n’abigeme bo mu gihugu kibanyi ca Repubulika iharanira Demokarasi ya Kongo, ariko uno musi vyiraye mu Barundikazi batari bake.

Bavyita “kwiyambiza”, irivuga rigoye kumenya inkomoko yaryo; ariko ku babikora, ngo ni ukwikwegera ikara mu gashambara.  

Hari ukuntu babikora

Bakoresha amavuta atandukanye afise ubushobozi butuma uwahora yirabura agira inzobe inyuma y’igihe gito. Ubwo bushobozi buturuka ku bumara buba bugize ayo mavuta. Ubwo bumara rero ni nk’ubwitwa “Hydroquinone” hamwe na “Mercure”. Ivyo navyo bikaba bifise ingaruka mbi nyishi ku magara y’abantu. 

Ayo mavuta afise mwe n’ubwo bumara aragurishwa ku mugaragaro. Mu masoko, amabutike n’ahandi henshi hadandarizwa amavuta y’ukwisiga y’abigeme n’abakenyezi. Aragurwa ku bwinshi, nk’uko Nepo*, umudandaza wayo muri karitiye ya Bwiza abitwiganira ati: «Aha nti wovuga ngo uriko uradandaza mu gihe amavuta yo kwiyambiza ata yarimwo; ushaka woca wugara kuko ni yo asohoka cane. »

Ntibizokwijana

Hari abisiga bigakunda, bagahinduka urukoba ata ngaruka zibabonetseko mu maguru masha; ariko, nta wosya bwose. Nk’uko  Umuganga  Lt Col Dr Kanyankore William abisigura, umuntu yisize ayo mavuta, iyo agize nk’isanganya canke akibaruka babanje kumubaga, ugukira biragorana, kuko umubiri badashona ngo ukunde. Uguma utabagurika kuko utagikomeye, waseserejwe na bwa bumara bugize ya mavuta. 

Ayo mavuta kandi ashobora gutera indwara zitandukanye nk’igisukari, gukwama kw’umuvuduko w’amaraso, uruhumyi n’indwara y’umutima kuko bwa bumara buri muri ya mavuta buguma bwinjira mu maraso. Na bwa bushobozi bw’urukoba rwacu bwo kwikiriza udukomere tumwetumwe buragabanuka, umuntu agasatagurika ku bitsintsiri na za kanseri zo ku rukoba zikaziramwo. 

Ingendo yo gutuza

Abo bashiki bacu barageramiwe batabizi bikwegera bagira ngo bariko barashaza. Kandi iyo ngendo iraharawe; umuvuduko biriko uyu musi, hamwe batokwikebuka,…

Ikindi cogira akamaro, ni uko urudandanzwa rw’ayo mavuta yuzuyemwo ubwo bumara rwokurwa ku masoko, rugatunganywa ukundi. Kuko bisa nk’ukudandaza uburozi ku mugararo. 

*: yahinduwe izina

Quitter la version mobile