Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Ngo umuntu agirwa n’uwundi? Aho hari kera

Mu Burundi, si hose vyoroshe kuronka rusehabaniha itabara imbabare, iyo habaye isanganya. Iyo uguye mwe n’aho hantu rero, hari abihutira kugusopa ubutunzi wagendanye, aho kugutabariza. Narabibonye.

Ejo bundi ku mugoroba, hafi isaha cumi na zibiri n’igice, ahitwa mu Gashikanwa mu ntara ya Ngozi (nko ku birometero bitatu uvuye mu gisagara ca Ngozi), nari kumwe n’abagenzi banje twagorobeje gufata akayaga. Tugize dutya, tubona haserutse imodoka igenda n’umuvuduko munini cane. Igeze imbere gato irata ibarabara. Ihitana umudandaza yariko adandariza ku nkengera z’iryo barabara, iramushibura. Abari hafi bose bakomera induru rimwe. Natwe twiruka kuraba ko hari ico twomufasha.

Akamaramaza, nyene imodoka ihejeje kwiha inkumbi yongereje umuvuduko nk’umuyaga, ku buryo ata n’uwashoboye kubona n’imparati y’iyo ngendeshwa.

Aho ni mu gihe, muri ya mategeko agenga ibarabara n’uruja n’uruza, bitegekanijwe ko « iyo ugize isanganya, nyene kugonga umuntu ategerezwa gutabara abo yakomerekeje, mu gihe abishoboye » ; uwo we si uko yabikoze. Twasigaye mu kangaratete. Twibaza uko tubikika. Umuntu nawe yaguma avirirana, yataye n’ubwenge.

Si uwo gusa…

Imbere gato, haza umuntu kw’ipikipiki. Uno na we nyene yiruka cane, agize ngo akate mw’ikona, ipikipiki imurunda hasi, arakumbagara. Abafundi bariko bubaka inzu hafi y’aho, barashwabaduka, basanga nyene kugira isanganya yataye ubwenge. Ico bakoze, bamusofye ishakoshe yari ahetse bakora no mu mifuko y’impuzu yambaye bakuramwo ivyarimwo vyose, baca batungwa n’ayo bameze.

Ndibuka ingene kuri urya wambere, twagerageje guhagarika imodoka yose tubonye, turondera iyodufasha kumushikana kwa muganga ; zose zadusaba ngo turihe amafaranga imbere. Ubwanwa burafuka umunwa.

Twikubite agashi !

Kare na kare, Abarundi barafashanya. Uwabuze umuntu, uwugwaje, uwagize ivyago ibitungwa bigahundagara bakamufasha biciye mu kuvyukiriza. Ivyo vyose barabikora mu bugwaneza kuko baratahura ko uyu musi ashobora kuba uyu ejo bigahindukira akaba uwundi. Bari bazi ko buzima ari katihabwa, kandi ko umuntu agirwa n’uwundi.

Ndabaza: uno musi, uwo mutima wagiye hehe? Iyo ngendo yo kwirengagiza abagize isanganya ni iyo gutera ivyatsi; tube turaretse ivyo kwiba utwo nyene kugira isanganya yagendanye. Ni inyifato igayitse kuko yerekana ko umuntu atazi guha agaciro ubuzima bwa kiremwamuntu. Ni imbuto mbi, yari ikwiye kuranduranwa n’imizi mu basangiye ubuntu.

Quitter la version mobile