LE JOURNAL.AFRICA
SOCIETE

Burundi Vs Gabon: « Ese coba icigwa no ku banyepolitike! »

Urukino rwahuje Uburundi na Gabon rwaratwibukije ko Abarundi turi bamwe. Abari hanze y’igihugu, mu gihugu hagati canke mu gisagara ca Bujumbura, bose imvugo yari: “Burundi bwacu”. Nibitubere icigwa !

Twese twaravyiboneye. Kare cane, nk’isaha cumi na z’ibiri z’igitondo, aho bita ku ngoro y’imico n’akaranga (“Palais des Arts et de la Culture”), umurongo muremure cane w’abaje kugura amatike yo kwinjira mu kibuga kurorera urukino. Mbere, mu bibanza vyose vyadandarizwamwo ayo matike, kwari uko. Hamwe hamwe, ngo hoba hariho n’abaharaye, kugira ivyo bibanza vyugurure ari ho bari, ntibabure agatike kabo.

Ku muhingamo, hageze ko urukino rutangura, Abarundi bose barahaguruka. Bamwe bashira ikiganza ku mutima, abandi bamanika hejuru ibendera ryacu, bose bati: “Burundi buhire…nkoramutima…Imana yakuduhaye ikudutungire”.

Ikibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore carakubise kirazima, gisayangana amabara yera, ayatukura n’ay’urwatsi rubisi. Hari n’abari bicafyeko amabara y’ibendera ry’igihugu cacu. Umuhagarikizi yapfuye kuvuza ifirimbi yo gutanguza urukino, #IntambaZacu zihererekana agapira, abarorerezi natwe turasasira n’indirimbo zo kubaha inkomezi. Amashi, amafirimbi, ingoma, twese tuti: “Burundi, tugutuye amaboko, umutima n’ubuzima”; ivyari amajambo bihinduka ingiro. Mbe ni nde yavuze Continuer la lecture de cet article sur YAGA BURUNDI

Articles similaires

Madagascar: des centre de formation pour lutter contre la marginalisation des personnes handicapées

RFI AFRIQUE

Coronavirus: engouement aux marchés de Kinshasa à la veille du confinement total

OKAPI CONGO

Le Chef de l’Etat fête la pâques à l’église du rocher de Buye

RTNB BURUNDI
Verified by MonsterInsights