Mu kwezi kwa ruhuhuma, twarabashikirije ibisomwa bijanye n’inzoga zitemewe n’amategeko. Muri urwo rutonde, vyaragaragaye ko inzoga atari ikinyobwa gisanzwe. Gutyo, ukuzikora, ukuzidandaza n’ukuzihereza bikaba vyategerezwa kugengwa n’amategeko atomoye.
Amategeko y’igihugu, na cane cane itegeko mpanavyaha, asanzwe ahana abakora, abadandaza n’abihereza ibinyobwa bitazwi n’amategeko. Ingingo y’521 irihanikiriza ukwinjiza mu gihugu, ugukora n’ukugurisha inyobwa zitemewe n’amategeko.
Si ivyo gusa, kuva ku ngingo y’512 kugeza ku ngingo y’524 y’iryo tegeko, nta kindi kivugwamwo atari ubwoko bw’ivyaha n’ibihano bijana, ku nzoga ziswe izitemewe n’amategeko.
Hari n’ibindi
Iruhande y’amategeko, hariho n’ibindi bikorwa vyerekana ko ishaka ririho mu gihug...