Site icon LE JOURNAL.AFRICA

« Burya gucunga umukobwa ni vyo bituma adatwara inda y’indaro ? »

Abavyeyi barageregeza kugumiza ijisho ku bana babo b’abigeme gusumba. Bati: « Ko umwana yama ataha aho tumubona, nta ngeso mbi izotwinjirana turamubona. » Désiré Dunduri, umusomyi wa Yaga, ntabibona gutyo. Yishura ku gisomwa caciye ku muhora wacu, kivuga ko ata mukobwa wo kwipangira inzu, aba ashaka ubuhumbu.

Mu kirundi baraca umugani ngo « nta wuhomera iyiyonka »; umwana niyaba afise ingeso y’ubuhumbu, gutaha canke kuguma aho abavyeyi bamubona si vyo bizomubuza kwigenza uko nabi; haba na mba!

Aho ingorane ihagaze

Harageze ko Abarundi turaba ingene indero y’abana ku bijanye n’uguhuza ibitsina, ibiyago hagati y’abana n’abavyeyi, mu mashure, inyigisho zo mu mushengero, vyogenda bijanye nibihe tugezemwo. Umwana agakura azi ikibi niciza, azi ingene ashobora kwitwara. Ni indero imwigisha kwibako ( “sens de responsabilité” mu gifaransa).

Umwana ni atabibwirwa n’abamujejwe, azobimenya abikuye ahandi; aho twovuga nko ku mboneshakure canke ku ngurukanabumenyi, hari ingeso z’abo bagendana, ivyo vyose ni ukubiharura; kuko biri mu vyubaka ingeso y’umwana, yaba nziza canke mbi.

Iyo rero umwana akuranye iyo ndero imwigisha kwibako, nta mpuhwe umuvyeyi yogira ngo ni uko agiye kwipangira inzu, canke ari aho atamubona.

Erega noneho, mu bindi bihugu, umwana amaze gukwiza imyaka 18, ni nk’itegeko ko asohoka inzu y’abavyeyi, akaja kwibeshaho. Nimba aciga, araheza akaba ahegereye ishure; akora naho, araheza akimenya uko abaho. Iyo agumye mu nzu y’umuvyeyi naho, hari ivyo asabwa mu bijanye n’ugukinga impanuka (“assurance”) kuri iyo nzu n’abayibamwo.

Duhindure uko twiyumvira

Umukobwa rero afise uburyo, afise akazi akora, mu gihe atarubaka urwiwe (si na ngombwa), agiye kwipangira inzu, yibana canke abana n’abandi, ntaco bikwiye kuba bitwaye. Ahubwo, bimutuma atangura gutunganya neza ivy’urugo; akamenya ivya nkenerwa asuma buri kwezi, ivyo agenda agura ashira mu nzu, ndetse bikanamufasha hageze ko aja mu rugo.

Noneho rero ku vy’ukuri, iyo umukobwa ashoboye kwipangira, akitunganiriza ivy’iwe, tuba dukwiye kumubona nk’uwukuze, ashoboye kwibako (“responsable”). Jeho iyo mba nkiresha, sinotinye; sinomwikeka ngo ni ikirara, na kare ngo « amazi atwara si yo asuma cane ».

Ni uko rero, turere abana bacu mu nzira ibajana kwibako, nk’uko nabisiguye hejuru. Nayo abakobwa, ndetse n’abahungu bakora bakaguma bataha iwabo, ndabibona nk’ukugunda batoya babo. 

Quitter la version mobile