Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Muyinga: ng’ubu ubuhinga bushasha bwo kugwanya abavumvyi

Mu Burundi, urubanza rwamye ari gahuzamiryango, akanya keza ko gusabikanya n’ugusasagaza ubumwe n’urukundo. Ari na co gituma ata mutumire canke umuvumvyi, bose bafatwa kumwe mu nzimano. Ariko rero mu ntara ya Muyinga, hari ubuhinga bushasha bwo kwirukana abavumvyi.

Ata misi irahera ntanguye gukorera muri komine Giteranyi y’intara ya Muyinga, naherekeje umugenzi mu bukwe yari yatumiwemwo. Ngo ngire ntya, mbona mu kwinjira yerekanye agapapuro womengo ni mureke arengane muri urwo rubanza, kazwi cane kw’izina “jeton” aho mu kibano co mu Giteranyi.

Ico bikoze, abatumire twicaritswe ugutandukanye, bivanye n’icanditse kuri twa dupapuro umwe wese yaba yitwaje. Mpava ndarondera kubaza imvo n’imvano y’utwo dupapuro.

Sekura ungurane

Wa mugenzi naherekeje arampa umuco ati: « Aha mu Giteranyi, iyo hari uwuramutse akora urubanza, araterereza, maze uwutanze intererano akagira aho yandikwa hamwe n’igitigiri c’ivyo atanze; gutyo akaronswa ico bita ijeto azokwerekana kugira ngo abajejwe kwakira abashitsi uyo musi baze bamenye aho bamwicarika, n’igitigiri c’ibinyobwa bazomuzimana »; aha rero nkaba nari menyereye ahandi dusangira ibibonetse.

Niho natereza ijisho irya n’ino, nsanga twicaritswe ku migwi, bamwe bariko basamira isazi ku munwa, abandi baronse kamwe bihereza, mbere n’abandi n’ukwongerwa bariko barongerwa.

Tukirindiriye ko batwikurura, ni ho negera Porotazi Barendegere, umutama w’imyaka mirongo umunani n’ine, maze aranyagira amamuko y’uwo mugenzo.

Ati: « Uyo mugenzo wamuka mu karere k’i Ngara muri Tanzaniya duhana urubibe, aho ukoreshwa mu kurwanya ingendo yo kuvumba. Ino rero, kuva aho abantu basigaye bitabira imanza ku bwinshi ataco baterereye, ugasanga bitumye hari n’abaterereye batashe badasomye, abasore benshi banakunda gutemberera aho i Ngara, bahavuye batanguza uwo muco w’ama jeto, gutyo uwaterereye agahabwa iteka, uwatumiwe ntaterere agafatwa nk’umuvumvyi mu bandi ».

Asembwa ku mibano n’akaranga

Toyi Aloys, umwigisha wa kaminuza yanonosoye ivy’imibano, ahanura ko uwutaronse ico atanga atokumirwa; ku bwiwe, « ubuzima si amafaranga gusa, kandi umuco wo gusabikanya wokomezwa. Kuko umuntu yarinze ahashika aba yaterereye akarenge; ari na ko kanabagara ubumwe, ndetse n’umuvumvyi atibagiwe kuko uyo muco wo kuvumba ugaragaza urukundo nk’uko ba sokuru bayamaze ngo “ha kuvumba umukungu wovumba umukunzi”

Kanatsinda ngo « bike bikehanira abankana », eka ndetse « ahari ubumwe, urusato rw’imbaragasa rwifuka batanu. »

 

Quitter la version mobile