LE JOURNAL.AFRICA
SOCIETE

Ng’uku uko bategura umukobwa agira aje kurongorwa mw’idini rya Islam

Umukobwa ari mu kuja kwabaka urwiwe arahabwa impanuro zijanye n’inyifato azogira mu rugo.  Izo azihabwa keshi na ba inasenge ; nk’uko biri mu mico y’ikirundi. Uwo mugirwa no muri iki gihe ca none hari abakiwukurikiza ; mw’idini rya Islam ho ugahabwa agaciro gakomeye.

Zuwena* ni umukenyezi w’inararibonye mu gisagara ca Ngozi ; asengera mw’idini rya Islam, akaba ari mw’ishirahamwe rya be n’abo bakenyezi bihaye igikorwa co kugarukira umuco wo gutegura abigeme bagira baje kurongorwa.

Uko bigenda…

Nk’uko uwo mupfasoni yabitwiganiye, ngo hasigaye imisi mike ngo umukobwa w’umu isilamukazi yubake urwiwe, bisabwe n’abavyeyi biwe canke n’uwo mukobwa nyene, harategekanywa umusi wo kumutegura ; agatekererwa impanuro zidasanzwe. Ati : « Duhamagara abapfasoni bakuze, bakamwigisha uko azofata umugabo. Bati umugabo utamufashe neza, abandi barashobora kumugutwara. Baramwigisha gusenga, kwubaha, kwitwara neza mu vyoroshe no mu bigoye. Ibanga ry’abubatse turarishimikirako cane, kuko ingo nyinshi zirasambuka iyo vyagenze nabi.»

Kubw’uyo mukenyezi, ngo kubera ko izo mpanuro ziba zikenewe cane, ubu basigaye batumako n’ivyuma bifata amajwi n’amasanamu, kugira ngo uwo mwigeme niyashika mu rugo ...   

Continuer la lecture de cet article sur YAGA BURUNDI

Articles similaires

Guinée-Bissau: la police brûle deux tonnes de cocaïne

RFI AFRIQUE

Burundi : L’heure est aux femmes de conjuguer d’autres efforts pour leurs droits longtemps bafoués

LE JOURNAL.AFRICA

Kananga : les Congolais retournés d’Angola demandent l’assistance des autorités

OKAPI CONGO
Verified by MonsterInsights