Itariki 20 Rusama, Abarundi bazindukanye n’iyonka kwitorera indongozi nshasha. Abanditsi babiri ba Yaga baratwiganira uko uwo musi wagenze kuri bo.
Axel Gavial Harerimana: ntwengambabaye / nshinyabigoye
Bamwe mu bagenzi banje bari hanze y’igihugu, bari baraye bambajije ingene ivy’uno musi bitunganijwe. Bari bafise ubwoba. Igihugu cacu caciye muri vyinshi, mu myaka iheze. Birumvikana ko umuntu yogira ubwoba ku musi nk’uyu. Umwe muri bo ati: « Turiko turabasabira bize bigende neza. » Ukumva ko yuzuye ubwoba nyene. Nanje nagize ubwoba, mbonye bamwe mu barorerezi nasanze imbere y’ibiro vy’itora. Sinari nzi ico bajejwe, nkaguma niyumvira ikindindiriye.
Ariko nyene, aho nagiye gutorera hari hatekanye. Ryari n’irya mbere ngiye gutora. Vyahavuye bintera akanyamuneza. Ejo haza nta wuzi ingene hameze; ariko n’aho biri uko, mpagijwe n’ukuba nashikije iteka ryanje nk’umunyagihugu.