Site icon LE JOURNAL.AFRICA

#Coronavirus : burya gukaraba « neza » n’ugupfa gukaraba ?

Mu gihe ubushikiranganji bw’amagara y’abantu buduhamagarira kugwiza gukaraba iminwe n’amazi meza n’isabuni, canke amazi arimwo umuti, ngo twikingire ikiza ca coronavirus kituryamiye amajanja, haribonekeza agahaze mu buryo abantu bakarabamwo. None umuntu yokaraba neza gute ?

Mu gihe ico kiza camaze gushwara ibihugu bibanyi, ugukaraba neza biri mu vyihutirwa ngo twikingire tutaronerwa. Ariko rero, ugukaraba « neza » ntibisigura gushira intoke mu mazi gusa, gukora kw’isabuni utayitagatishije, canke gukaraba umwanya urume rumara. Eka da.

Hari abagira ngo barakaravye, bagakaraba imisegonda itanu canke cumi. Abandi bakicishako amazi gusa, bakibagira isabuni. Hari n’abugurura akabombo k’amazi mu gukaraba, baheza bagasubira kukugara bandura ya migera bashirako bariko barugurura. Eka hari n’abihata bagakaraba umwanya ukwiye, ariko ugasanga hari imyanya imwe n’imwe y’intoke basimvye kandi ariyo ishobora kubika imigera y’ingwara. Gutyo rero umuntu akiyumvira ati gukaraba neza nk’uko bitegerejwe umuntu yobigenza gute ?

Ibice vy’ugukaraba

Gukaraba neza s’igikorwa umuntu akora arangaye, canke yihuta nk’abarima igikonkwano. Oya. Ugukaraba neza bikorwa n’imiburiburi hagati y’amasegonda mirongo ibiri na mirongo itatu. Ng’uko uko bakaraba « neza » :

  •  Ugishika, egera ibombo, canke akabombo k’ico bashizemwo amazi meza yo gukaraba. Ugurura hama utege iminwe munsi, uyibombeke neza. 
  • Imaze kubomba neza, tora isabuni uyisige mu minwe utibanira, hama uyitagatishe ukoresheje amaboko yompi. Uhejeje, tangura winyukure unyingisha. Uhera mu biganza vyompi, hama ukaja ku mugongo w’iminwe ushikana ku ntoke. Ubandanirize mu myanya y’intoke unyukura neza hagati y’urutoke n’urundi, utibagiye urukumu no mu mwanya urufatanya na nkobabukoko. Uhejeje, uca ubandaniriza mu nzara, ntihagire urwara na rumwe usimba, hama ukanyukura no ku bikonjo vyompi, imbere yo kwirongorora. 
  • Uhejeje kwirongorora, subira ukore kw’isabuni uyitagatishe gatoyi mu minwe, hama uce uyicisha kuri karya kugurura ibombo kugira wice imigera wasizeko uriko urugurura, urenzeko amazi mu gukurako isabuni, uce wirongorora, gutyo wirinde kuza gusubira kwandura imigera niwugara ibombo.
  • Uhejeje, tora agatambara keza wihanagure. Vyoba vyiza mwirinze gukoresha agatambara rusangi muri benshi, umuntu agakoresha agatambara aca ata ahejeje.

Ni ryari twokaraba ?

Kugira ukwo gukaraba iminwe gushobore gukinga imigera ya coronavirus, gukaraba neza kenshi gashoboka ni bwo buryo bwiza kandi bushemeye bwo kwikingira. Hampande y’ibihe dusanzwe tuzi vyo gukaraba, (nk’imbere n’inyuma yo gufungura, umuntu avuye mu kazu ka surwumwe canke ku rugendo, uhejeje gukora ku bitungwa canke ibikoko vy’intungano), umuntu yogwiza gukaraba cane cane:

  • ahejeje kwimyira, gukorora canke kwasamura.
  • Umuntu avuye mu bibanza bihuriramwo abantu benshi nko mu madoka y’ukwiyunguruza, mw’isengero, mu makoraniro y’amanama  canke mw’isoko.
  •  Bishitse bikamucamwo akagira uwo baramukanya n’iminwe canke bahoberana.
  • Igihe umuntu yagiye arakorakora mu bibanza bikorako abantu benshi nk’ivyuma vyo kwishigikiza ku ngazi z’amagorofa, uhejeje guharura amahera uhawe n’uyundi muntu, …

Nimba dushaka gukinga tutaronerwa, n’ukumenya ko umugenzi mwiza mw’ibi bihe ari isabuni n’amazi meza. Eka n’abakoresha irya miti yica imikorobe bogerageza kuyitagatisha iminota mirongo ibiri binyukura. Ni ngombwa ko tudafata minenerwe ibijanye no gukaraba, tukubahiriza ibice vy’ugukaraba kandi ntitwihute cane, nakare iyihuse yavyaye ibihume.

 

Quitter la version mobile