Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Ni nde azobohora abayoboke ba Zebiya ?

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 18 Ntwarante, abantu bababa 1 600 barashikirijwe ubutegetsi bw’Uburundi, bavanywe muri Repuburika iharanira Demokarasi ya Kongo. Ni abayoboke ba Zebiya Ngendakumana, umupfasoni yemeza ko abonekerwa. 

Ku rubibe rw’Uburundi na n’igihugu ca Kongo iharanira Demokarasi, nta wasohoka canke ngo yinjire gushika isaha zitandatu z’umutaga z’uyu wa 19 Ntwarante 2020. Abarundi bababa 1 600  ni bo bariko barashikirizwa igihugu cabo, kuva mu gatondo. Barungitswe n’ico gihugu kibanyi kuko bari basanzwe babayo mu mpisho. 

Bagizwe ahanini n’abagore n’abana. Harimwo abafise utwana dutoya, biboneka ko ari abo bibarukiye iyo bahora. Zina gitsina gore wese, gushika no ku wuri mu mugongo, yaba yitwikiriye igitambara cera ku mutwe, akarenzako akandi k’ubururu.  

Ugukaraba n’ugupimwa indwara

Imbere y’ukwakirwa, baratonze umurongo ngo bakarabe mu ntumbero yo kwikingira ca kiza “Coronavirus”, mbere baranapimwa ubushuhe, ngo barabe ko ata yindi ndwara ibarangwamwo ; ubona ko mu gihugu bazananyemwo hahitiye harangwa Ebola.

N’aho bemeye gupimwa, vyaboneka ko batabinezererewe. Ubaravye mu maso, wabona ko babuze uko bagira, ahandi hoho ata wari kubarabishako karya kuma bapimisha ubushuhe. 

Nko ku bana hoho, banana cane, ku buryo hari n’abo bapima barinze kubafata. Umuganga umwe mu bariko barabapima ati : « Aha bibaza ko ari ivya Shetani. Kuko umwana ico umubariye agifata uko. » Vyari biteye agahinda.

Baciye bajanwa mu kigo ca komine Mutimbuzi mu Gatumba ; citwa : « Cercle du Cinquantenaire ».

Bazira inzimano

Kwa kundi Abarundi dusanzwe twakira abashitsi neza ; duheza kubashikisha mu kibanza twabateguriye, noneho tukabashikiriza inzimano ngo bivune inzara n’inyota, abo bacu bo babizize. 

Bari bateye ikigongwe uravye ingene harimwo abagoyagoya, na canecane abana, kubera inzara. Jimmy Hatungimana, umuyobozi mukuru ajejwe uruja n’uruza ku mbibe atewe n’akagongwe, aca agurira abana batari bake ibisuguti, imikate n’ivyamwa. Bano bashwara vya vyamwa, mugabo nta n’umwe yakoze ku mukate canke igisuguti. N’akana k’imyaka nk’itatu ntikabikorako. Iyo ntwazangabo Jimmy, co kimwe n’abari aho twese, twarumiwe.

Bemeye barigonya, kandi ivyobahembura babibona ngaho. Eka mbere, wabona ko n’abakuze bakobeje bacungera, baraba ko ata mwana yohava atora agakate canke agasuguti. Ngo « ibanga ry’ukwemera ni agatangaza » ; uwarivuze ni aryumeko.

Bazobohorwa na nde ?

Muri abo bantu, hari abataye abo bubakanye, babatwara abana, basigara bifumbereje. Igihe bari bagarutse mu 2017, ababo bariruhukije, abavyeyi bamwe bararema basubiye kubona abana babo. Ntawamenye ukuntu basubiye inyuma. Mugabo rero, hari abigumiye ino, bigumanira igitambara mu mutwe, ndetse no mu gufungura, ukabona ko bacagura cane. Ivyo birapfuma.

Abantu benshi barumva ngo uyu canke uriya aravugishwa, abandi ngo arerekwa, bagapfa kwirukayo batabajije umutima. Erega no kwa Zebiya vyatanguye uko. Abantu wabona burira imiduga bakagenda ari umuyoro, ngo bagiye kubonekerwa. Abatabivuyemwo kare ni abo bari mu kugwa ku nzira, kandi bakongataye.

Ikibazo nsigaranye ni kimwe : mbega, ubu hoho bazokwemera bagume i Burundi ? 

 

Quitter la version mobile