LE JOURNAL.AFRICA
SOCIETE

«Umukoresha yamfashe ku nguvu, gutyo ntakaza ubusugi»: intahe

Mu buzi butandukanye hano mu gihugu cacu, hari abakenyezi bafatwa ku nguvu n’abakoresha babo, maze bakabigira ibanga. Joy* vyaramushikiye, none aricuza kubona atashengeje uwabimukoreye. Intahe yiwe hano.  

Ni ikintu nzorinda mpfa ntibagiye, mu buzima. Uwo musi, niho natakaza ubusugi bwanje, mfashwe ku nguvu. Umukoresha wanje yama anganiriza cane, imisi yose, iyo turi ku kazi. Ngize ingorane ngacererwa, ngo nje kwisigura, akanyakira neza nk’uko womenga ntacabaye. Twaramenyeranye kugeza aho yama aza kuraba ingene ntunganya ibikorwa vy’akazi. Mu myanya y’akaruhuko, yambwira ngo dusangire icayi, mugabo nkamubwira ko nakinyoye. Ariko rimwe na rimwe, narapfa kwemera kugira ntiyibaze ko ndamukengereye. Ivyo vyose, sinigeze menya icinyegeje inyuma. Bukebuke vyarakomeye, tuba nk’abagenzi, mugabo nguma ndamwubaha nk’umukoresha.  Umunsi umwe, niho namusaba uruhusha rwo kuja gusuhuza umukunzi wanje yari arwariye mu bitaro. Yambwiye ko ata ngorane aza kurunyandikira ibikorwa birangiye. Ndi buhabonere ibara. 

Akajoreza

Ngiye ngo anshirire umukono kuri rwa ruhusha, twahuriye imbere y’ibiro; maze ambwira ati: «icara aho ku ntebe, ndagarutse inyuma y’i...   

Continuer la lecture de cet article sur YAGA BURUNDI

Articles similaires

HPRC: Les cas suspects de COVID-19 révélés négatifs

RTNB BURUNDI

Journée internationale des réfugiés/ déclaration (vidéo)

RTNB BURUNDI

Daniel Oulaï: un «agripreneur» au service des paysans

RFI AFRIQUE
Verified by MonsterInsights