Kubera kubura inyigisho zikwiye n’uguherekezwa mu vyerekeye kwitunganiriza imigambi, urwaruka rufise umwete wo kubikora rusanga ruguye mu mutego w’urwiganwe, rugahereza guhomba. Mariko* ni umwe mu baruguyemwo. Aratuyagira.
Co kimwe n’abatari bake, narize kaminuza ndayirangiza, ndarondera akazi ndahebura. Ariko mu nyuma haheze nk’umwaka, naragize amahirwe ndagwa ku kiraka, maze ndaronka uduhera dukeya.
Ni ko kwigira inama yo kurondera umugambi noyakoresha, kugira ndabe ko nokwiyungunganya; nkareka kuja ndazera inze. Kuko nari nabonye ikintu atabandi bariko barakora muri ako gace, naciye mpitamwo kwugurura inzu y’iyandikiro (secrétariat public).
Abakiriya baragwiriye. Ndatera imbere kugeza n’aho ntangura gukoresha abakozi, kuko ntari kuvyishoboza jenyene. Ayo nahora nkura muri ka kazi naheba, nayakuba gatanu. Ndavuga nti ubuzima ni ubu. Abagenzi twiganye bose barantamarira ; abakuze nabo bakantangako akarorero.
Ingorane
Ntibukeye kabiri, bamwe muri ba bagenzi banje batangura kumpfuhira. Umugambi wanje barawijukira barawukora. Mu kiringo gito cane, abagenzi batanu bose bakora nka bimwe nkora, kandi...