LE JOURNAL.AFRICA
CULTURE

Ngo “umwana wese ahoha ahamagara se”: ni ukwihenda

Mu mayagwa n’imigenzo vy’ikirundi, hari abemeza ko umwana atanguye guhoha ategerezwa kuvuga se wiwe; ati: “da da da”. Bishitse akavuga nyina, bakagira bati ni agasema mu muryango. Ni uwundi mugenzo ucinyiza abakenyezi. 

Uguhoha ni harya umwana atangura kuvuga indome za mbere mu buzima bwiwe. Ubuheruka, nari nagiye kuramutsa abagenzi. Aha turiko turaganira n’abahari, akana gato kari ngaho, gafise nk’amezi cumi, gatangura guhoha ngo “pa pa pa”. 

Umwe mu bapfasoni bari aho atangura kwidoga ati:   ‘‘Emwe abagore twaragowe !  N’umwana na we dutwara amezi icenda mu nda, tukamwonsa, tukamarana na we umwanya munini, atangura guhamagara se!” Uwundi amusamira hejuru, aramwishura ati: “ ni ikizira ko umwana atangura guhoha ahamagara nyina; aba ari agasema.” 

Ryari irya mbere ndavyumvise, bintera amakenga. Ndababwira nti ivyo nta fatiro bifise, ariko baguma bagerageza kubinyumvisha, mu kumpa insiguro zitagira mvura nyene. 

E mama ngo “agasema ku bavyeyi”

Mariya Ndabashinze*, umupfasoni yasa n’uwuhumuye mu bari aho, yandama gusigura; akavuga ko umwana atanguye guhoha ahamagara nyina aba ari agasema; co kimwe n’iyo atanguye kumera amenyo yo ku mubangabanga wo hejuru. Yemeza ko yakuze yumva babivuga uko, ngo “abavyeyi baca bapfa”, noneho nawe abifata uko.

Uwo mukamakare arabandanya ati: « nkumbure ni wa mugani ngo  “akatari nk’akandi kaba ari ishano”’. Ba sokuru baragendereje basanga abana bose bahoha “bahamagara” ba se. Noneho, uwuje avuga nyina bakagira ubwoba; na rirya imigenzo itari mike y’ikirundi yubakiwe ku kugendereza. 

Abangushi

Ngira Imana, mpura na Onesphore Nibigira,  uwaminuje ivy’indimi n’amayagwa vya Afurika, aransigurira; ati: “ ijwi «p», ni ingomyi mpushi y’inyaminwa igumye, mu gihe ijwi «m» na ryo ari inyamazuru y’inyaminwa yoroshe.  Iryo jwi p rero rikaba ryorohera abana kurivuga kurusha m.”

Kukaba nka kwo, uvyumvirije neza umwana ariko arahoha avuga ati: “da da da da”, canke ngo « ba ba ba ba ». Hari n’abavuga bati: « pa pa pa pa »; bidasigura na gato ko aba ariko avuga se. N’abana batabana na ba se bahoha batyo. None boba babikuye hehe? 

Kira noneho, umwana kenshi  hari aho atangura guhamagara uwundi muntu akunda kwumva bahamagara, atari se kandi ntabe nyina; canke agatangura kuvuga izina ry’ikindi yumva kenshi. None aho naho twoca tuvyita gute? 

Hari rero ivyiyumviro bitari bike, mu mayagwa y’ikirundi, bitosekaza isanamu n’agateka vy’umukenyezi. Ivyo dukwiye kubisezerera.

 

Articles similaires

Le congolais Général Défao, vedette de la rumba, est mort

RFI AFRIQUE

Nigeria: les mannequins noir(e)s ont désormais la cote

RFI AFRIQUE

Webradio éphémère des Médias francophones publics pour la journée de la Francophonie

RFI AFRIQUE
Verified by MonsterInsights