Mu rukino ruheruka guhuza Uburundi n’igihugu ca Gabon, vyaragaragaye ko Abarundi batari bake batazi kuririmba ururirimbo ruhayagiza igihugu cacu. Aho bipfira ni he ? Hokorwa iki, amazi atararenga inkombe ?
Hageze isaha icenda zibura iminota itanu, kuwa 23 Ntwarante, i Bujumbura, ururirimbo ruhayagiza igihugu c’Uburundi rurasamirana. Aho nari mpagaze ku mpande z’ikibuga citiriwe umuganwa Ludoviko Rwagasore, naguye mu gahundwe numvise ingene abo turi kumwe bariko bararirimba nabi « Burundi bwacu »; kandi ari Abarundi nkanje.
Bamwe bayingirira mu ntamatama umudiho warwo gusa, abandi bakagira ngo « Burundi bwacu ragi ry’abasokuru… », mu gihe abandi mw’ako kanya nyene baririmba ngo « Burundi bwacu nkoramutima… ». Gica gicika ikiyago, mu kurindira ko igice ca kabiri c’urukino gitangura.
Aho bipfira…
« Kuva umuntu ...