Site icon LE JOURNAL.AFRICA

«Ngo nta mukobwa wo kwipangira inzu, aba ashaka ubuhumbu? »

Hano mu Burundi, umukobwa agiye kwibana ntarabwa ryiza n’ikibano; umengo ibara riraguye. Hari abavyeyi bavuga ngo « baba bakeneye kwigenga hama bashobore kuja mu buhumbu atawubabuza »; koko ni ukuri ?

Evelyne* ni umukenyezi yubatse urwiwe, afise abana babiri. Akiri inkumi yari apanze inzu hamwe n’abandi bakobwa. Aratwiganira : « Mpejeje amashure yisumbuye naciye manuka i Bujumbura kwiga muri Kaminuza y’Uburundi. Ico gihe naba mu bigo vya kaminuza. Ndangije ivyigwa, sinari ngifise iyo nja, na mwanya naciye nandama kurondera akazi. Incuti ziba i Bujumbura nta buryo zari zifise ngo zimpe indaro n’utundi twa nkenerwa. Nategerezwa kurondera ubuzima, nkibeshaho, mbere ngafasha n’ab’iwacu bari ruguru. Abantu baravuga amajambo menshi, ko ata mukobwa yokwipangira adafise abagabo hanze baza baramurihira inzu. Ariko, ntivyambujije kubandanya nkorana ishaka uturaka dutandukanye, mpava ndaronka akazi keza, mbere mu nyuma ndonka n’umushingantahe turushinga. »

Stella* ni inkumi y’imyaka 27, agira akwize imyaka itatu ari mu buzima bwo kwipangira aho abaye, mu gisagara ca Bujumbura.  Ku bwiwe ngo “ivyari i Magera vyarageruye” ubu; ati: « Abatari bake twipangira kubera ukutagira aho tuba. Hari na bamwe mu banyeshure usanga bapangirwa n’imiryango yabo, hakaba n’abapanga bashaka kwigenga nyene. Noneho ubu bisa n’ibiriko biramenyerwa, abantu ntibabitebako cane. »

Ntirikabe

Pauline*, umuvyeyi ashima kwidondora ko ari mu muryango w’abanyakarama, yivuye inyuma ati : « Oya! Nta munyakaramakazi w’iwacu yokwibana. Yoba ariko atukisha umuryango wacu.» Akabandanya ati : « Kuki atorindira akaja mu rwiwe ? Yoba yabuze umuryango umuha indaro, nimba vyanse ko yumvikana n’abavyeyi biwe ?»

Si uwo gusa; uwundi muvyeyi w’umubanyi asa n’uwusigura impamvu ati: « Abakobwa b’Abarundikazi bakura mu mutwe batevye. Imico y’ikirundi ni yo ibabera inzitizi. Abavyeyi dutegerezwa kwitaho uburaro n’uburamuko bw’umukobwa, tukamukingira gusumba n’umuhungu, tugakurikirana amaja n’amaza yiwe, ndetse n’abamugendera. Nta woshigikira ko umwana wiwe aja kwibana; kuko ubucuti n’imigenderanire biratituka kandi ukaba utumye amera nk’impene barekuriye hagati y’intambwe. »

Uko ndabibona

Abarundi dukwiye gutahura ko umukobwa afise ubuzima nk’ubw’umuhungu; ko nawe hari intambwe ashobora kugerako mu buzima akumva ko uburyo bumukundiye yokwibeshaho.

Nimba umuhungu yokumva bimutera isoni ashikanye imyaka mirongo itatu akiba mu nzu kwa se, n’umukobwa ni co kimwe. Kiretse uwubuze uko agira.

 

Quitter la version mobile