LE JOURNAL.AFRICA

#KwiyandikishaMuriKaminuza: “twararishe”

Kwiyandikisha muri kaminuza ni igikorwa coroshe kuri bamwe, naho ku bandi rukaba urugamba rudasanzwe. Impapuro bakenera zibatwara uburyo butari buke, rimwe na rimwe bugoye no kumenya igitigiri, ari naho usanga imiryango kugira irungike umwana muri kaminuza ibanza kwikokora. Muti none izo mpapuro zitwara uburyo bungana bute? Tubirabire hamwe.

Ica mbere usabwa mu gihe ugiye kwiyandikisha muri kaminuza, hari umwidondoro ari wo tumenyereye bita mu Gifaransa CV (Curriculum Vitae ndlr). Uwo urawiyandikira iyo ufise inyabwonko, ariko ugakenera gusohoza urupapuro, bigatwara amafaranga ari hagati y’100 n’300 ku rupapuro rumwe. 

Iyo udasanzwe wifitiye imashini nyabwonko naho, nk’uko bisanzwe biri kuri benshi bageze kuri urwo rugero rw’amashure, barabikwandikira maze bikagutwara ayari hagati y’500 n’1000 bivanye n’aho ari ho. 

Aho rero ntitwokwibagira ko n’aho babisohorera hadashoka haboneka imisi yose, nko mu misozi, kure y’umugwa mukuru w’intara canke w’ikomine. 

Izigoye zitaraza… 

Urundi rupapuro utegerezwa kuronka ni urwemeza ko watoye ikibazo ca Reta kiguha uburenganzira bwo kuja muri kaminuza. Urwo narwo rutangirwa mu kibanza kimwe rudende muri kino gihugu. Ni muri komine Ntahangwa, karitiye ya Kigobe, ahari ikigo cegukira ubushikiranganji bw’indero, gisanzwe kigenzura ibibazo vya Reta. Kugira ushobore kurusaba, ubanza kuriha amafaranga 1 000 mu kigo gitoza amakori “OBR”, hanyuma ukabona kuja kurusaba.   

Hongerako urupapuro rwemeza ko wigenza neza ukagira n’imico myiza. Urwo rurashobora gutangirwa mu ntara zitandukanye, mu biro kwa Buramatari. Hano mu gisagara ca Bujumbura, rurondererwa ahari ibiro vy’umukuru w’igisagara. Na rwo nyene rurihirwa amafaranga igihumbi kuri OBR. 

Urupapuro rwa kane na rwo nyene rutoroshe kuronka, ni urwemeza ko umuntu adakurikiranwa n’ubutungane. Urwo rurondererwa mu gipolisi c’inyamiramabi. Narwo nyene kugira aruronke, utanga amafaranga 1 000 nyene. 

Izo umaze kuzironka, haba hagisigaye impapuro zibiri zitangirwa kuri zone. Izo nazo akaba ari urw’amavuko (extrait d’acte de naissance mu Gifaransa) n’urwerekana umwidondoro wose. Izo zose uzirihira amafaranga 1 000 rumwe rwose hanyuma ukongerako n’ifoto zitatu zishobora kugutwara amafaranga angana canke ari hejuru y’5 000. 

Si ayo gusa…

Ugerageje guharura n’amafaranga akora mu kwiyunguruza urondera izo mpapuro,  usanga uburyo bitwara butandukanye, bivanye n’aho umuntu wese ava, n’iyo aja kwiyandikisha. 

Nka Donavine* yavuye mu ntara ya Cankuzo avuga ko itike ryo kuva iwabo gushika mu gisagara ca Bujumbura, hanyuma agasubira inyuma, vyamutwaye amafaranga agera ku 30 000. Yongerako ibihumbi cumi vy’impapuro zitandukanye, 5 000 vyo kwiyunguruza mu gisagara hagati, ibihumbi bibiri vyo guterefona,…. Tuyateranije, dusanga yakoresheje ayababa ibihumbi mirongo itanu (50 000). Aho rero ntiharaza ayo kwiyandikisha nyezina, igiciro gihindagurika kaminuza ku yindi. 

Ku muntu ava mu muryango ubayabaye, amafaranga angana nk’uko si make. Aho avuye, hasigara igihengeri. Kira noneho, ayo ni ayo twaharuye, tudashizemwo n’ayo umuntu asanga yongeyeko atari yategekanije. 

Mu bintu bituma izo mpapuro zitwara uburyo bwinshi, harimwo na canecane umwanya munini umuntu ategerezwa kurindira, aguma agenda agaruka kubaza aho bigeze. Ntitwibagire ko hari zimwe mw’izo mpapuro uronka hari izindi wabanje kurondera, zitari muri dosiye yo kwiyandisha.

Birakwiye ko ico gikorwa co kwiyandikisha gitunganywa neza. Ica mbere cofasha, ni ugukwiragiza ibibanza bitorerwamwo impapuro zitandukanye, bahereye ku zigorana cane. Ikindi cokorwa ni uko amakaminuza yoshiraho ubuhinga bwo kwiyandikisha biciye ku buhinga ngurukanabumenyi, ivyo bikaba vyonatuma abanyeshure bava mu bihugu bindi boroherwa mu kwiyandikisha mu gihe bashaka kubandaniriza inyigisho mu gihugu cacu c’Uburundi.

 

Verified by MonsterInsights