LE JOURNAL.AFRICA
Non classé

#KwandikwaMuriKaminuza : “ Dusabe inema y’ukwihangana ? ”

Iyandikwa ryaraheze, ariko hari abatazokwibagira iyo vyaciye. Zimwe mu mpapuro basabwa muri uko kwiyandikisha zikaba zitaboroheye kuronka. Ni icibukiro.

Ncuti Eric*, ni umunyeshure avuka mu ntara ya Karusi, muri komine Nyabikere. Ikintu camutumye amanuka i Bujumbura, ni zimwe mu mpapuro yategerezwa gutanga mu kwiyandikisha muri kaminuza. Avuga ati : “kumanuka i Bujumbura nta mugambi wavyo nari mfise, iyo hataba iki gipapuro; kuko umugira neza yanyemereye kunyigisha, yambwiye ko nzokwiga i Gitega. Namanutse nzi ko nzomara n’imiburiburi imisi ibiri, canke itatu mu gihe vyatevye.”

Ng’uwo Eric arashitse i Bujumbura, ku biro bitanga urupapuro rwemeza ko umuntu yatoye ikibazo ca Reta gitanga uburenganzira bwo kwinjira kaminuza. Bene kumwakira bamuhaye isango ryo kugaruka kurutora inyuma y’imisi 8. Umurima uca uja amayira abiri: “nsubire inyuma ntajanye urwo rupapuro ? Kugaruka ntivyokworoha. Kurindirira mu gisagara ? Hehe ?”

“Muvyara wanje, asanzwe akora akazi ko kunyonga ikinga aha i Bujumbura...   

Continuer la lecture de cet article sur YAGA BURUNDI

Verified by MonsterInsights