Kuva igihugu c’Uburundi cikukira, ururimi rw’Ikirundi rufashwe nk’ururimi rw’igihugu. Ariko, hambavu y’urwo rurimi, turafise izindi ndimi zikoreshwa mu buzima bw’igihugu. None izo ndimi, ko zikoreshwa zose muri rusangi, zibanye zite ? Ikirundi gifise ikibanza ikihe uno musi ? Umwihwezo.
Mu 2016, naragerageje kugereranya uko ururimi rw’ikirundi ruzoba rumeze mu myaka iza, hano mu gisagara ca Bujumbura. Uno musi, ivyo navuga muri ico gisomwa ntibinyuranye cane n’ivyo mbona, kuko kuvuga uruvange rw’indimi biracari nk’ubuhizi kuri bamwe, ndetse bikaba nk’ubuhungiro ku bandi.
Mu myaka umunani maze ntanguye kwihweza ubwiza bw’urwo rurimi n’ikoreshwa ryarwo, naratahuye ko urwo rurimi bishika rugakengerwa; kandi bigakorwa n’abari bakwiye kuruha ikibanza.
Amahasa adasa
Ibwirizwa shingiro rya mbere ry’Uburundi, ryo ku wa 16 Gitugutu 1962, ryavuga ko ururimi rw’ikirundi n’urw’Igifaransa ari indimi z’igihugu. Iryaje ririsubirira naryo, ryo kuwa 16 Gitugutu 1981, ryaje ryaka ico kibanza ururimi rw’igifaransa, maze Ikirundi gisigara ari co conyene cemewe nk’ururimi rukoreshwa mu buzima bwose bw’igihugu. Mu nyandiko, vyagumye bityo, ariko mu buzima bw’igihugu, ururimi rw’Igifaransa ni rwo rwagumye rufata iya mbere.
Ku wa 16 Gitugutu 1962, itegeko ry’Umwami nomero 01/96 ryarashizeho Ikigo nshingwakirundi, kitigeze gitera imbere. Mu 1973, igihe habaye inagurwa ry’igisata c’indero (ryiswe “Kirundisation”), ururimi r...