Mu kwezi guheruka, kuri uru rubuga rwa Yaga, haraciye igisomwa kibaza igituma abapadiri bo mu Burundi batorekurirwa kurongora. Ukugira abahabara n’ukuvyara abana mu mpisho, bikaba ari vyo vyashimikiweko nk’imvo. Vyatumye nja kubaza ico abapatiri n’abepiscopi b’i Burundi babivugako; bati: “ico gisabisho si rwacu”. Barabitwibwirira hano.
Kuva bikivugwa, Musenyeri Yohani Ntagwarara, umwepiscopi wa Diyoseze ya Bubanza yavyiyamirije avuga ati : « umusaseredoti arongoye, ntiyoba acisanzuye mu butumwa bwo kumenyesha inkuru nziza; kuko yosanga abibangikanije n’ivy’urugo, kandi Yezu yadusavye ko twoheba vyose tukamukurikira. »
Ku cerekeye abana bavutse ku bapatiri, uyo mwepiscopi ahanura abo basaseredoti ko « bokura umutamana bagakinjura mw’iryo banga, ku neza na kazoza keza k’abo bana. »
Ico ciyumviro kirashimangirwa na Musenyeri Stanislas Kaburungu, yahoze arongoye diyoseze ya Ngozi. Nawe nyene, ntahakana ko hariho abapatiri batazigama ibanga ryabo, mugabo, ntashigikiye ko bofatira kuri ico mu gusaba abapatiri ko borongora. Atanga ingereranyo ati�...