Mu ntumbero yo kumenyesha no kurwanya amabi afatiye ku gitsina, n’igwirirana ry’imbanyi zitipfujwe mu rwaruka, hasigaye hari “Senge na Dawe b’ishure”, abavyeyi bitirirwa ishure kugira ngo bafashe iyo miyabaga mu vyerekeye ayo mabi, umugambi wa FAWE Burundi. None abo bavyeyi bajejwe iki? Bazohindura iki?
Kuva kera na rindi, mu Burundi, umukobwa ageze mu buyabaga yaregera inasenge akamucira agace kamucira inzira. N’umuhungu yaregera se akamuyagira. Ivyo birumvikana cane kuko nk’uko ishirahamwe FAWE ribivuga, umuyabaga atoronse uwiwe akuze amumenyesha uko yokwifata mw’ihindagurika ry’umubiri wiwe, ntibimworohera. Bagira bati: “Aho umwana atayagiwe na se canke inasenge, ico gihengeri cuzurizwa n’ibinyoma n’ugushikuza yumvana abo bangana”. Ni muri iyo ntumbero nyene ku mashure amwe amwe yo mu Burundi bagenye abajejwe gufasha abana muri iyo nzira. Abahungu bitura “Dawe w’ishure” (Tonton mu gifaransa), nabo abakobwa bakayagira Senge w’ishure (Tantine mu gifaransa).