Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Kurihira amashure umukunzi : ikosa umuntu atokora ?

Bamwe ngo : « Iryo ni ikosha ata musore yari akwiye gukora » ; abandi bati : « Utabimukoreye ubishoboye, ntiwoba umukunda. » None, ukuri ni ukuhe ? Hari inzira zibiri zishoboka. 

Mu mpera z’iyinga riheze, nagorobeje nganira n’abagenzi twaherukana kera. Ikiyago caryoshe, cabaye umunoni, niho twatangura kuyaga ibijanye n’ukwubaka izacu. Ni ko kumva umwe yinamuye ngo : « bagenzi, mwakundana mwareka, ntihazogire uwugwa mw’ikosa ryo kurihira amashure umwigeme bakundana ataramushikana mu rugo ». Uwo rero yari uwitwa Claude. Impari ziba ziradutse. 

Yvette, umwe mu bigeme twarikumwe, amusamira hejuru ati : « uko niko uvyumva nyene ? Hakuba ikosha, jeho nabifata nka kimwe mu bimenyetso vy’urukundo. None numva ari birebire. »

Impamvu

Claude, ni umwigisha kw’ishure ryisumbuye ryo mu ntara ya Gitega. Ku myaka mirongo ine n’ibiri, aracari umusore. Ivyo kurongora, asa n’uwavyibagiye. Yaratwiganiye ivyamushikiye. Ati : « Nkirangiza kaminuza, nateye ndonka akazi ; maze, nkundana n’umwigeme arangije amashure yisumbuye. Kubera yashaka ko tworushinga abanje guheza kaminuza, ariko akaba atari ashoboye kwirihira kaminuza yigenga. Naciye ndamurihira, mu ntumbero yo gutegura kazoza keza k’urugo tuzoshinga. Yakize kuyarangiza, aca antera uwinyana, arampeba, yubakana n’uwundi musore. » 

Ariko aravuga iyo nkuru, isura yiwe yagaragarako agahinda n’umubabaro. Twaciye dutahura igikomere vyamusizemwo. Yahejeje iyo ntahe yiwe twese « igifaransa cakamye » (akavuze wa wundi). Noneho, dutahura n’igituma hakurongora umugore, yashimye « kwirongorera icupa gusa ».

Ariko rero, siko vyagenze kuri Yohani. Uno, yimirije kurushinga n’uwo yarihiye amashure ; ndetse n’ubutumire buza bwarasohotse. Wewe ati : « nimba hari ikintu cakomeje urukundo rwacu, ni uko ntigeze ntererana umukunzi wanje mu kumusahiriza mu bijanye n’ukwiga. Ico gikorwa yakibonyemwo ikimenyetso c’urukundo gikomeye, maze abona ko urukundo ndamubwira atarurw’amajambo gusa, ariko rugaragarira no mu bikorwa ; bituma ankunda kurusha ».

Urukundo ntirugurwa

Kuri Petero, umwe mu bagenzi twarikumwe, ngo ukurihira umwigeme mukundanye amashure wizeye ko uzomurongora, ni nk’ukugura urukundo. Agira ati : « iyo bishitse uwo mwigeme ntabe akikwiyumvamwo, ariko akabura ukwo agira kubera ivyo wamurihiye, urugo ben’urwo ntirurama kenshi. » Kuri we, ico gikorwa cari kibereye ku bubakanye, bigakorwa mu ntumbero yo gutez’imbere urugo. Maze aca aravyunyura ati : « umurihira kugira agusumvye amashure, naho mwoba mwubakanye, bivyara agasuzuguzo n’akagaye mu rugo ».

Porosuperi we yayiciye umurya ; ati : « ivyo bikora abahungu batazi kuresha, bategera abigeme mu bukene bwabo, kugira babapangishe amafaranga. » Yuhira ati : « uworamuka nawe abikoze, ntiyari akwiye kubikora ngo arondere urukundo ; ahubwo yobikoze nk’ugufasha bisanzwe, nk’uko yobigirira uw’ariwe wese ».

Wa muvukanyi Claude yatwumvirije kera, niho yavyunyura ko umuzi w’izo ngorane atari uburyo umusore akundamwo, ahubwo biva ku bigeme basigaye bakunda guhemuka cane. Ikiyago caciye kiba nk’igisubiye itoto, bamwe bakagiriza abigeme ko ari bo ntandaro kubera batazi kubumbwa n’ivyo bafise bakama bashakashaka bishasha, abandi bakabita ku bahungu batazi kuresha. Ico bikoze, ntitwigeze twumvikana kuri ico kibazo. None ikibereye ni ikihe ?

 

Quitter la version mobile