Tumaze imisi tubashikiriza urukurikirane rw’ibisomwa ku kibazo kijanye n’ukwitunganiriza imirimo. Mu kurangiza urwo rukurikirane, twashimye kubatororokaniza imyibutsa 5 itera intege abakozi ikajinjibura abanebwe, hamwe n’insiguro zayo.
1. Nta yimba ngo ibure ivu
Uwo mwibutsa urimwo icigwa gihambaye. Iyo ivugwa ni imfuku yimba imyobo mu mirima. Uwo mwibutsa rero usigura ko iyo imfuku iriko irimba, ivu ritegerezwa kuboneka. Kukaba nkakwo, iyo duteye igiti, ivyamwa vyaco bitegerezwa kuboneka. Abahinga bavuga ko ikintu cose dukoze (canke tudakoze) kigira ingaruka, zaba mbi canke nziza ku buzima bwacu.
Uwu mwibutsa wokwigisha cane abantu bibaza ko batagira akazi. N’aho woba utagira akazi, vyiza woguma “wimba”, urondera ico udandaza, aho wimenyereza, n’ibindi. Nayo ugumye wicaye, nta n’uwuzomenya ko hari ico ushoboye. Ariko ugumye urondera ico ukora, n’aho utoba uhembwa, bizotuma abantu babona ivyo ushoboye n’ubutwari bwawe.
2. Ak’i muhana kaza imvura ihise
Uwo mwibutsa utwigisha ko ata kwama tuzera inze. Ibi bisigura ko tudakwiye kuzera urukiza ku bandi, tukama tuzi ko vyose biva kuri twebwe.
Abarundi bakunda kuvuga ngo “