LE JOURNAL.AFRICA

Umugambi “Menyumenyeshe”, kubw’urwaruka, biciye mu rwaruka

Urwaruka ntirumenya uko rwokwitwara mu gihe c’ubuyabaga, mu vyereke irondoka rijanye n’amagara meza. Ivyo biranagira inkurikizi ku buzima bw’imisore n’inkumi, kazoza kabo kagafutana. Ni muri iyo ntumbero umugambi Menyumenyeshe wama wahaye urwaruka inyigisho zikwiye zobafasha. No ku magenekerezo ya 12 na 13 Munyonyo 2019, wari watunganije uruganda rwo gusabikanya izo nyigisho.

Uwo mugambi ubicisha mu nyigisho, no kuganira ku buzima ndorabitsina n’irondoka rijanye n’amagara meza ku miyabaga, imikangara n’urwaruka(SSRAJ), na canecane abafise imyaka iri hagati ya 14 na 25. Uwo mugambi watanguye mu mwaka 2016, uzoshika mu 2020, abawutwara baremera cane ko ataco boshikako urwaruka rutagize uruhara rukwiye mu kuwitangira. Kanatsinda, werekeye urwaruka, ni bo bazi ibibahanze n’ivyo bakeneye. Abari muri urwo rugero ni bo boshobora kubishikiriza neza, ndetse bakanafasha kubitorera inyishu.

« Ihinduka rihera kuri jewe, nanje ngafasha abandi »

« Imbere y’uko nja mu mugwi (Club de santé)  wigisha ivyerekeye irondoka rijanye n’amagara meza, umuyabaga nkanje bimugoye, sinabona ingene nomufasha. Sinamenya ivyo nomubwira, ngahitamwo kwihorera ».

Ivyo bishikirizwa na Neila, yashoboye gukurikirana inyigisho z’umugambi Menyumenyeshe, biciye mw’ishirahamwe CARE. Aremeza ko ubu yamenye ibitari bike. Ngo arashobora gufasha urundi rwaruka, akabigisha afadikanije n’abandi bari kumwe muri uwo mugwi. 

Akamaro k’izo nyigisho uragasanga no mu mashure yisumbuye. Umwigeme umwe w’umunyeshure yakurikiranye ibikorwa vy’urwo ruganda yemeza ko iyo ataronka izo nyigisho yari kuba ahomvye cane. 

Agashinga intahe ati : « Turahamenyera vyinshi, tukanabiganirako hagati yacu nk’urunganwe. Nk’icigwa kijanye n’ihindagurika ry’umubiri wacu, caradufashije cane. Igihe umuhungu canke umukobwa acamwo, akabona ahinduka, biramutera kwibaza vyinshi.

Nka ruguru iwacu ho, hari n’abaca batangura kugira ubwoba, kuko bataronka n’aho bokura inyishu,mu gihe mu bisagara hoho bashobora kubimenyera no ku mbuga ngurukanabumenyi. » 

Ariko, nk’uko nya mwigeme abivuga, ngo biciye muri Menyumenyeshe, urwo rwaruka ruraharonkera ibintu vy’ingirakamaro. Rimwe na rimwe baraza no kumubaza, akabafasha, kuko yavyigishijwe. Ivyo adashoboye kuronkera inyishu, nk’ibijanye n’amagara, aca abaherekeza kw’ivuriro Mugenzi w’urwaruka.

Agahaze…

 Abajejwe umugambi basanzwe bakorana n’urwaruka mu mihingo itandukanye y’igihugu, baremeza ko hagisigaye intambwe itari nto.  Haracari ibigorana, nk’uko Muganga Irénée Ndabagiye ajejwe irondoka rijanye n’amagara meza muri Menyumenyeshe abivuga. 

Agira ti :«  Si ivy’imbeshere, impinga iracari ndende. Kwumva ko hari abigeme bashika 2000 boba baratwaye inda z’ishushu, ku mashure, kandi aho izo nyigisho ziba  zitangwa, numva biteye agahinda !  Tutirengagije izitasuzumwe, hamwe n’indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka. »

None hokorwa iki ?

Ico muri Menyumenyeshe bashaka rero, nk’uko uwo muganga abandanya abivuga, ni ugutorera inyishu hamwe n’urwaruka ku bijanye n’ihinduka ry’inyifato. Urwaruka ni rwo ruheza rugafasha kumenya n’izindi ntambambamyi zitazwi kugira zimenyekane, gutyo umugambi ushike ku co wiyemeje.

Ku bijanye n’amavuriro « Mugenzi w’urwaruka », imiyabaga n’imikangara irashima impanuro n’ibindi baharonkera. Mugabo ngo haracari agahaze.

Uwu munyeshure ati : «  Ni ko baratwakira, bakanadutezurira ibibazo vyacu. Ariko, twokwisanzura gusumba, tukagenda ku bwinshi twakiriwe n’urundi rwaruka nka twebwe, bo dufise ibibazo bimwe. Twibaza ko bodutahura gusumba. Hari n’abatinya kujayo, kuko bazi ko bohasanga abangana n’abavyeyi babo, canke bashobora kuba bazinanye n’abavyeyi babo, bagatinya ko bobaraba ribi bagiye kuvuga ikibaraje ishinga. »

Umugambi Menyumenyeshe wateguye n’urunani rw’amashirahamwe mpuzamakungu Cordaid,Care, FNUAP na Rutgers ikorerara mu gihugu c’Ubuhorande.  

 

Verified by MonsterInsights