Ishirahamwe Unesco ritegekanya abanyeshure bari hagati ya 14 na 20 ku mwigisha umwe, ariko abigisha bo mu Burundi boba ivyo bitigiri babirenza incuro nka 3 canke 4 kubera igwirirana ry’abantu. Ico kibazo co gisangiwe n’abigisha bose, ariko, wa wundi ati akabi karasumbana, abigisha bo mu gihugu hati hari amakuba bisangije nk’uko Terensiyo* wo mu ntara ya Rutana abitwiganira.
Ndangije amashure, sinatevye kuronka akazi. Nashikiye kwigisha kw’ishure shingiro riri hafi y’aho mvuka, ahantu nagenda iminota cumi n’itanu gusa. Inyuma y’imyaka ibiri nkora, nashimanye na Bujeniya*, umwigisha wo kuri iryo shure nyene nigishako.
Agashahara twaronka karashobora kudutunga ukwezi kwose kubera twakorera hafi y’aho tuba kandi twariha amafaranga make y’inzu; ibihumbi mirongo itandatu. Mu nyuma hoho, twigiriye inama yo gusaba ingurane itari nto yokwiyungunganya mu migambi y’iterambere ry’umuryango.