LE JOURNAL.AFRICA
SOCIETE

Akamaro k’ikiyago mu buzima bw’abubakanye

Ba sokuru bati : « Kubandwa ntibigoye nko kurigumya », no mu rugo ni uko nyene. Uwugeze mu bigero araresha, akarushinga ; bagasayangana ku musi w’ubugeni. Ariko kuvomerera ubwo bumwe bunze ni ntabanduka. Ivyo navyo ntakundi bikorwa atari kwisuzuma no gukomeza ikiyago ca buri musi ku buzima bwabo bw’amabanga y’abubatse. Muti gute?

Kuva bagitangura ubuzima bw’abubatse, abakundanye barakenera kuganira ibijanye n’amabanga y’abubatse, ubona ko ari wo mushinge w’urukundo nyarwo. Ico gikorwa, n’aho ari kirumara, nticorohera bose.  Hari benshi bagera amajanja iyo bari buhere ico kiyago, bikabata ku w’amazi. Umwe wese akabihaga amatama, bikamuniga ariko ntabashe kubitobora ngo babisabikanye n’uwo bakundana.  Vyaba ibibazo canke impanuro, vyose akabigira ibanga.   Ariko ivyo bari bakwiye kubirengera. N’aho hano tudafise inyishu zose, hano twagira tubasabikanirize ibintu abubakanye bokwisunga, bahereye ku kiyago. 

Kubera iki ntegerezwa kubivugana n’uwo twubakanye ?

Hari benshi biyorobeka ntibaganirire n’uwo bubakanye uko bipfuza ko vyogenda mu buriri, bagatinya bibaza ngo bohava bafatwa nk’ishirasoni. Ivyo bimenyerewe mu bakenyezi bamwe bamwe batubahuka kubwira abanega babo ko babashaka, ku gutinya gutakaza urupfasoni canke bikavyura umwikeko w’uko yoba yaryamanye n’abandi benshi.  Continuer la lecture de cet article sur YAGA BURUNDI

Articles similaires

Le CASC pour l’élevation de Rossy Mukendi et Luc Nkulula au rang de Héros National

POLITICO CD

CNTB : bilan annuel des réalisations (Vidéo)

RTNB BURUNDI

#ZaNzoga: ico amategeko avuga

YAGA BURUNDI
Verified by MonsterInsights