Ba sokuru bati : « Kubandwa ntibigoye nko kurigumya », no mu rugo ni uko nyene. Uwugeze mu bigero araresha, akarushinga ; bagasayangana ku musi w’ubugeni. Ariko kuvomerera ubwo bumwe bunze ni ntabanduka. Ivyo navyo ntakundi bikorwa atari kwisuzuma no gukomeza ikiyago ca buri musi ku buzima bwabo bw’amabanga y’abubatse. Muti gute?
Kuva bagitangura ubuzima bw’abubatse, abakundanye barakenera kuganira ibijanye n’amabanga y’abubatse, ubona ko ari wo mushinge w’urukundo nyarwo. Ico gikorwa, n’aho ari kirumara, nticorohera bose. Hari benshi bagera amajanja iyo bari buhere ico kiyago, bikabata ku w’amazi. Umwe wese akabihaga amatama, bikamuniga ariko ntabashe kubitobora ngo babisabikanye n’uwo bakundana. Vyaba ibibazo canke impanuro, vyose akabigira ibanga. Ariko ivyo bari bakwiye kubirengera. N’aho hano tudafise inyishu zose, hano twagira tubasabikanirize ibintu abubakanye bokwisunga, bahereye ku kiyago.