LE JOURNAL.AFRICA
SOCIETE

Yaga Innovation Challenge : iyandikishe mubashe guhiganwa !

Mu ntumbero yo guteza imbere ivyiyumviro bishasha no kwitunganiriza imigambi y’iterambere mu rwaruka rw’Uburundi, Yaga yaratanguje ihiganwa yise « Yaga Innovation Challenge ». Ni ihiganwa ry’ ivyiyumviro-migambi mu buhinga bwa none, rigamije gushigikira urwaruka rwipfuza guterera mw’iterambere ry’ibisata vy’amagara y’abantu, indero, kunganisha ibitsina no gukingira ibidukikije. 

Ku rwaruka rufise ivyiyumviro birashe kandi bishasha, rukaba rwipfuza kuja muri iryo higanwa, ng’izi ingorane rwokwiyumvira gutorera inyishu zibereye, zumvikana kandi zishobora kuja mu ngiro.  (MN : umuhora mwocako mu kuja ku rupapuro mwiyandikishirizako, uri musi y’iki gisomwa)

Amagara y’abantu : iterambere ry’ubumenyi n’ubuhinga ryarafashije mw’inagurwa ry’ubuvuzi no kubaho neza, haba kw’isi yose, eka mbere no mu Burundi. Ariko hano mu gihugu cacu, igisata c’amagara y’abantu gihanzwe n’ingorane zitari nke, na canecane amagara y’umuvyeyi, ibibondo, imiyabaga n’urwaruka muri rusangi. Aho twovuga nk’indwara zandukira, irondoka rijanye n’amagara meza, n’ukunywa ibiyovyabwenge.

Indero : ni yo nzira irashe mu guteza imbere no gukingira agateka ka zina muntu wese. Aha twovuga nko ku bagore, urwaruka, ari bo bagize igice kinini c’ababa mu Burundi. N’aho igihugu cateye intambwe iboneka mu bijanye no kwigisha urwaruka, abaheba amashure baracari umurengera. Vyongeye, ubumenyi n’ubushobozi baronkera mu mashure ntibiborohereza kuronka akazi keza kandi bakwiriye.

Kunganisha ibitsina : ni vyo, « abantu bose bavuka bangana imbere y’amategeko, banganya n’agateka »; ariko, icibonekeza ni uko ubusumbasumbane bugumaho, na canecane mu vyerekeye inganishwa ry’ibitsina. Aha twovuga nk’ukuntu umugore adahabwa amahirwe amwe n’umugabo (mu kwiga,...   

Continuer la lecture de cet article sur YAGA BURUNDI

Articles similaires

RDC : le CLC mène une croisade contre l’impunité

OKAPI CONGO

Hokorwa iki ngo incabwenge zame zija imbere mu buzima bw’igihugu ?

YAGA BURUNDI

Akamaro k’ikiyago mu buzima bw’abubakanye

YAGA BURUNDI
Verified by MonsterInsights