Kuryagagura abarwayi, kwikwega mu kubakira, maze bakirirwa batonze kandi baremvye, canke nyene kubahererekana batabavuye. Ivyo ni bimwe mu vyo Yakobo* yaneguye amavuriro amwe amwe ya Reta ari mu gisagara ca Bujumbura. Aratwiganira ido n’ido uko vyamugendeye.
Mperutse kugira ivyago ndarwara ndaremba. Inyuma y’imisi ibiri ndindiriye ngo numve iyo bija, nituye ibitaro binyegereye. Mu biri hano i Bujumbura vyose, ivyo bitaro nituye bivugwa ko ari vyo bigendeka, naho atari ko nabisanze. Ngira navyo vyarandukiwe.
Nashikiye aho bakirira indembe nibaza ko baca banyarutsa kunyakira; kukaba nkakwo, nari naremvye. Njugumira, umucanwa umengo bancaniyemwo imbabura, urwuya ruca irya n’ino, nzungurirwa nkaguma nikubita hasi,… ariko umuvuzi wese ahaciye yarandaba gusa, ntaco yabivugako.
Uwamperekeje abajije igituma ntakirwa kandi babona ko ndemvye, abo yabaza bose bamuhaye inyishu bati: “ rindira”. Nagiye kwakirwa inyuma y’isaha yose, atari uko hari abivuza benshi, ahubwo ari kubera ko banyinrengagije; ari naco cantangaje kikanansonga.
Yamara n’aho nyene…
Igihe nshitse mu cumba c’isuzumiro vyari nk’ivyo nyene. Umuganga yanyakiriye nabonye asimbira ku gahamagazo ngendanwa kiwe atangura kuyaga n’i...