LE JOURNAL.AFRICA
Non classé

« Ihinduka ry’inyifato y’abantu rihera kuri jewe » : ubuzima ndorabitsina

Igituma isi iguma iriho, ni kubera abantu bavyara bakarera bagakuza. Igihugu kidafise urwaruka kiba gifutanye. Runo na rwo rubangamirwa na vyinshi ; muri ivyo, ukutamenya ivy’ubuzima bw’ibitsina vyabo. Agatabu « Ihinduka ry’inyifato y’abantu rihera kuri jewe » kaje nk’inyishu ku bitari bike. 

 « Urwaruka rudashikana imyaka 25 rurarenza ibice 60% vy’Abarundi bose. Urwo rwaruka ruhanzwe n’ibibazo bishobora kwunyura ingene rwari rusanzwe rubayeho. Aha, umuntu yovuga nk’ibibazo n’amadidane urwaruka rugira mu ntango y’ubuyabaga, kubera ukutamenya canke ukutagira insiguro zikwiye, maze bigatuma bagira ingorane mu buzima bwabo bwa minsi yose. » Ivyo bishikirizwa n’umushikiranganji w’indero n’inyigisho z’imyuga, Janvière Ndirahisha. Tubisanga mw’ijambo ryo gushikiriza agatabo kitwa : « Ihinduka ry’inyifato y’abantu rihera kuri jewe...   

Continuer la lecture de cet article sur YAGA BURUNDI

Verified by MonsterInsights