LE JOURNAL.AFRICA
#YagaDécodeur

Bujumbura : vyinshi mutari muzi kuri kahise k’ ico gisagara

Ico gisagara giherutse kuba umugwamukuru w’ivy’ubutunzi, catanguye kuba umugwamukuru wa Rwanda-Urundi, mu nyuma kiba umugwamukuru wa politike w’Uburundi. Abarundi benshi, harimwo n’abakibamwo, ntibazi uko igisagara ca Bujumbura cagiye kiraguka. Tugaruke kw’ivuka ry’amakaritiye akigize kuva 1897.

Abadagi nta mugambi w’uko Bujumbura kiba igisagara bari bafise, ikitavuzwe co ni ukukigira umugwamukuru w’Uburundi. N’ikimenyamenya, igisagara ca Gitega ni co cahavuye kiba umugwamukuru w’igihugu mu 1912.

Igihe bacumbika mu Kajaga mu 1896, mu nyuma bakaza i Bujumbura, wari umukenyuro. Vyandikwa na Sylvestre Ndayirukiye, umwigisha muri Kaminuza y’Uburundi, mu gitabu casohotse mu 2002 canditswe n’umugwi w’abantu 24 barimwo abigisha bo muri Kaminuza igihe hahimbazwa imyaka ijana igisagara ca Bujumbura kimaze mu 1997.

Kwiganzira akarere

Abadagi bashaka kwigenzurira ivy’uruja n’uruza mu kiyaga Tanganyika. Bigatumwa n’uko hari hegereye ico kiyaga. Ku ntwaro y’abadagi (1896-1916), nta karitiye n’imwe yo kubamwo yigeze yubakwa. Igisagara ca Bujumbura cagera mu Kajaga no mu gace gatoya kabamwo canecane Abanyaburaya n’Abarabu.

Umuhinga mu vy’ubutunzi Prime Nyamoya yita ico gisagara c’ico gihe “ikigwati gitekanye” mu butohozi yanditse ku “ biraba igisagara c’akarere mu bihugu vy’ibiyaga binini » bwasohotse muri ca gitabu twavuga. Igisagara ca Bujumbura cateye imbere biboneka ku ntwaro y’Ababiligi.

« Igihe Ububiligi buhawe gutwara uburundi vy’imfatakibanza, inyuma y’intambara ya mbere y’isi yose, Usumbura, umugwamukuru wa Rwanda-Urundi, haratejwe imbere cane harubakwa inyubakwa rusangi z’iterambere n’imibano mu mugambi w’imyaka cumi kuva 1950-1959 », ni ko Nyamoya avyandika mu ntangamarara y’ubutohozi bwiwe.

Ukwaguka kw’ico gisagara : 1916-1962

Ababiligi batsinze Abadagi mu 1916, ishirahamwe mpuzamakungu (SDN) ryeguriye Ububiligi Rwanda-Urundi. Umugwamukuru w’Uburundi ...   

Continuer la lecture de cet article sur YAGA BURUNDI

Articles similaires

Quel est le sens des noms que nous, Burundais, portons?

YAGA BURUNDI

« Kwa Ndadaye » : l’histoire méconnue d’un bâtiment à l’agonie

YAGA BURUNDI

Imvugo 10 zazanywe n’intureka zo mu mwaka w’2015

YAGA BURUNDI
Verified by MonsterInsights