LE JOURNAL.AFRICA
SOCIETE

Kwambikana impeta ntibihagije kugira urugo rusagwe n’iteka

Kwubaka bitandukanye n’ihiganwa ry’ugusiganwa. Kwambikana impeta ntibihagije kugira abubakanye bashinge urugo ruterwa iteka. Kuko inyuma y’aho, haza uruvyaro na kazoza k’urugo. Abihutira gusangira uburiri na mwene nde rero, musubize ameru mw’isaho !

Hari ku w’Imana w’indwi iheze, ntashe mvuye gusenga ku mugoroba nk’isaha imwe y’ijoro. Nahuye na Kwizera, umwana w’umuhungu w’imyaka icenda. Yari yambaye uduhuzu ducafuye cane kandi twatabaguritse. Eka na we nyene yari acafuye, umubiri wumaganye kandi wuzuye ubuhoma. Vyaraboneka ko ata mazi amuherukako. Ambonye amfata ukuboko ambwira ati : “ Mpa ijana ry’igitumbura uzoba ukoze.”

Naciye mbanza kumuganiriza. Ndamubaza ubuzima bw’umuryango avukamwo n’ingene abayeho. Yanyishuye  ati : “ Tuvukana turi abana batandatu, kandi turafise abavyeyi, ariko nta mahera yo gusuma bafise. Mu bo tuvukana, nta n’umwe yiga kuko twarabuze ibikoresho vy’ishure.

Continuer la lecture de cet article sur YAGA BURUNDI

Articles similaires

Ethiopie: les élections vues depuis le Sidama, la jeune région créée il y a deux ans

RFI AFRIQUE

Abana bitaburiyeko imyambaro y’ishure: igihano si wo muti

YAGA BURUNDI

#KwitunganirizaImigambi : kwigana, vyica benshi, bigakiza bake

YAGA BURUNDI
Verified by MonsterInsights