Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Itanga ry’akazi : umukenyezi akwiye guhiganwa ku rwego rumwe n’umugabo

Twaraye duhimbaje umusi mpuzamakungu wahariwe abakozi n’akazi. Mu Burundi, mu matangazo menshi y’akazi, iryungane « Idosiye z’abakenyezi zirahimirijwe cane! » ntirihara. Akamaro karyo ni akahe none?   

Ejo bundi nabonye itangazo ry’akazi ku rubuga ngurukanabumenyi. Kuko ikiringo co kugasaba cari cegereje, negeranije ivyangombwa nihuta ngira nti kumbure ngiye kuronka akazi nanje, inyuma y’igihe kirekire ndi mw’ibarabara.

Nshitseyo, nahasanze isinzi ry’abandi baje gusaba akazi. Ubwinshi bwabo bwanteye ubwoba. Ntangura kwidoga nibaza nti mbe yemwe nzoba mu bazokaronka akazi? Umuhungu yari hafi ansamira hejuru ati: « Mweho abigeme ntimuganya ntimugowe. Ntiwabonye ga data ko mwebwe muhimirijwe! Mubaye twebwe? »

Ntaco naronse ndamwishura. Numvise mbabajwe cane n’ ayo majambo avuzwe n’ umwe mu rwaruka dusangiye ingorane y’ukubura akazi. Nca ndabona ko hari agahaze mu nsiguro ya rirya ryungane ryama rihereza amatangazo nka yose.

Mpore mama!

« Kuba umwana w’umwigeme adafatwa kumwe n’umuhungu kuva bakiri bato, bituma abigeme baguma bibaza ko hari ivyo badashoboye; kandi atari uko biri. Ivyo birababera inzitizi, bigatuma bibagora guhiganwa kw’isoko y’akazi »; ico ni iciyumviro ca Arcade Arakaza, umwe mu banonosoye ivyigwa vy’imibano muri kaminuza y’Uburundi.

Jeanine Nshimirimana nawe, umukoresha mw’ishirahamwe Tubura, asa n’uwumwunganira; ati: « Abigeme bakeneye guhimirizwa, kuko ubwabo batarwanira agateka kabo. Haba mu buzi, mu mashure eka mbere no mu bindi bisata vy’ubuzima bw’igihugu, ntibigera biyumva ko boja imbere. »

Uwo mukenyezi wimboneza arabandanya ati: « n’ikimenyamenya, vya bice 30 kw’ijana duhabwa n’ibwirizwashingiro mu nzego za poritike, hari icigwa giheruka kwerekana ko tutarashobora kubishikako kuko duserukiwe muri izo nzego ku bice 18 kw’ijana gusa.”

None ni wo muti ?

Ihibambe we ! Ku vy’ukuri, mbona ko ukwo ari ukudusubiza hasi. Womenga ntaco dushoboye. Imyaka yose tuba twize duhiganwa n’ abagabo. No muri ubwo buzi rero, baba bakwiye kureka hagakora ubumenyi, gutyo uwurusha abandi akaba ari we atsindira ako kazi.

Nimba naho ari mu ntumbero yo gukuraho ubusumbasumbane hagati y’ibitsina mu Burundi, inzira nziza kwoba uguhimiriza n’ugufasha abigeme kuronka ubumenyi n’ubushobozi bubatuma batsinda, iyo bahiganwe. Ni yo nzira yonyene mbona ishobora gutuma abakenyezi tutaguma twikengera.

Nayo ivyo vyo guhimiriza vyo, ndabifata nk’ukwama bibutsa bati: « bakenyezi, mwibuke ko abagabo babasumvya umwete »; burya ni ko biri?

 

Quitter la version mobile