Kugira ubwanwa, umugara, canke ijwi nk’iry’ abagabo, ni bimwe mu bituma abantu bavuga ko umwigeme ateye nk’umuhungu. None vyoba biva kuki? Birahera ? Muganga Yozefu Nyandwi arabidusigurira.
Akarorero ka hafi ni ibiheruka gushikira Francine Niyonsaba, umunonotsi w’umurundikazi, aho aherutse kwemerera imboneshakure Chaine Olympique ko yoba afise inkaburamubiri nyinshi z’igitsina gabo, naho ari umukobwa. Uretse uwo munonotsikazi rero, ivyo bisanzwe bishikira n’abandi bigeme batari bake. Ni co catumye mpitamwo gusaba umuco umuhinga yabinonosoye.
« Kugira inkaburamubiri nyinshi z’igitsina gabo uri umugore canke umwigeme biva ku gahimba gasanzwe kari hejuru y’amafyigo (« surrénale » mu gifaransa), gasanzwe gahingura inkaburamubiri z’igitsina gabo. Iyo hagize nk’akavyimba gafata ako gahimba rero, bituma gakora inkabuzo nyinshi z’igitsina gabo » ; nk’uko navyiganiwe n’umuhinga mu ngwara zituruka ku nkaburamubiri, Muganga Yozefu Nyandwi.
Ni indwara
Uwo muhinga arabandanya ati : « Bishobora kandi kuba mu gihe umukobwa aba adafise umwambiro (« enzyme » mu gifa...