N’aho abantu benshi bariko barijukira gukoresha uburyo bwo kugabanya imvyaro mu ntara ya Ngozi, nk’uko ishirahamwe UNFPA ribimenyesha, hari imiryango bikigora kuvyumvikanako. Gerevasi, wo mu Ntara ya Ngozi, aratuyagira ivyamubayeko*.
Napfakaye mfise abana bane. Bari bakiri bato cane. Nashimye kuzana uwundi mugore, kugira amfashe kubarera. Yabareze nk’ umuvyeyi nyene. Baribagira n’ uko babuze nyina wabo kubera urukundo yabereka. Yaje ari umuvyeyi koko.
Haciye umwaka twubakanye, twaribarutse. Uwo aba umwana wa mbere tuvyaranye. Tumushira mu bandi, turamurera arakura. Inyuma y’ imyaka ibiri, Imana iduhezagiza uwa kabiri; baba babaye batandatu. Ntibitevye, twongerako uwundi, baba indwi. Bitangura kuntera ubwoba, kuko nari ntanguye kugira ingorane zo kubabeshaho neza nk’uko nipfuza.
...