LE JOURNAL.AFRICA
SOCIETE

«Kuki muza kudukunda ari uko tugeze mu mahanga ?»

Nganji Trésor* aheruka kuja mu mahanga kunonosora amashure yiwe ya kaminuza. Kuva agiye, ngo aratangazwa n’ukugene uwahora amwita umugenzi asanzwe, ubu ashaka ko amufata nk’umukunzi. Aratwiganira hano.

Ntaragira umugambi wo kuja kubandanya amashure hanze y’igihugu, nari mfise umugenzi w’umwigeme twagendana cane.  Ndamusaba ko twotera imbere muri ubwo bucuti, ati: “Oya!” Kuko ngo we yashaka ko tuguma turi abagenzi basanzwe gusa.

Ariko, aho mariye gushika mu mahanga, nagiye numva atanguye kumbaza ati: “Mbe ya nyota yo kuba umukunzi wanje woba ukiyifise, nk’uko wari warigeze kubinsaba?”

Kuva aho abimbwiriye, narahanuje abagenzi turi kumwe mu mahanga, ariko bakampa impanuro zitandukanye. Bamwe bati: “Aragukunda vy’ukuri”, abandi bati: “Ivyo si vyo”.

Amakenga

Ibibazo mfise ni injojo: ni kuki atashimye kunyemerera tukiri kumwe hafi na hafi, akaza kubinyemerera ubu ndi kure yiwe? Burya urukundo rw’abari kure na kure, ni rwo rworoshe gusumba abegeranye? Mbe hoho, ninasubira gutaha, ubwo ntazokongera kumbona nk’uko yahora ambona nka mbere hose, gutyo nkaba nataye umwanya?

Hari umwe mu bagenzi yanciye intege ati: “Hari abantu, iyo bumvise ugiye mu mahanga, baca babona ko ugiye kurondera ubumenyi hama ukazotahe ufise ubushobozi n’amafaranga menshi, bigatuma baca bakwiyegereza hakiri kare”; vyoba ari nk’ivyo?

Ico bikoze, ari ukumukunda nari naramukunze vy’ukuri. Ariko rero, ubu vyanyobeye nimba koko rwoba ari urukundo rumunzaniye, canke ugukurikira amaronko, nk’uko abagenzi babimbwira. Mfate iki, ndeke iki?

* izina ryarahinduwe

 

Articles similaires

Guinée: le CNRD annonce la réouverture prochaine des frontières terrestres avec le Sénégal

RFI AFRIQUE

Gitega: les différents services appelés à octroyer aux jeunes des stages de 1er emploi

RTNB BURUNDI

Le Gouvernement du Burundi apporte de l’aide aux rescapés des pluies diluviennes de Mugina

RTNB BURUNDI
Verified by MonsterInsights